IMANA NI NZIZA

NOTE AUX VISITEURS.

Bienvenue!

Nous espérons qu’après avoir visité notre blog, vous serez satisfaits d’avoir trouvé des articles qui aident à améliorer votre vie spirituelle. Nous ne doutons pas que vous ayez, vous aussi, beaucoup d’idées à nous partager en matière de vie spirituelle. C’est pourquoi nous vous encourageons à faire des commentaires à nos articles, afin de nous édifier mutuellement. Si vous trouvez une erreur, vous êtes priés de nous le signaler.

VIsiteurs

  • 140 617 visites

Amashemezo y’imbere y’ukuja kuruhuka mw’ijoro, ku wa gatanu

Ni vyiza ko bobanza kwihweza uburyo babayeho kuri uyo musi, bakisuzuma, iyo ari benshi, bakavuga igisabisho co gusaba ikigongwe nka kumwe bama babigira bari mu nkuka y’imisa.

Igit. Mana, ingo untabare
Icit. Mukama, tebuka undwaneko.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda,
Icit. Nk’uko vyamye hambere hose, nibimere ko n’ubu n’ibihe vyose,
mu myaka n’imyaka. Amen. (Aleluya)!

AKAVYINO

Bazogashiraho. Canke baririmbe urundi ruririmbo rubereye rwemejwe n’ababifitiye ububasha

IZABURI YA 87 (88). Igisabisho c’umuntu arwaye cane

Iyi ni isaha yanyu kandi umukorane uriganje (Luka 22, 53)

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Mukama, mw’ijoro ndagutabaza.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ni wewe nambaza, Mukama, ni wewe ntega ibiganza.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Mukama, uri Imana y’ubukiriro bwanje.

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Ni kuki wampevye ga Mukama, ukampisha inyonga zawe?

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

2 Mukama Mana y’ubukiriro bwanje,
ku mutaga ndagutabaza, mw’ijoro nkaguma imbere yawe.
3 Ese igisabisho canke coshika imbere yawe,
ugatega ugutwi akamo kanje!

4 Nkako umutima wanje wuzuye akabi;
ubuzima bwanje bwegereye ukuzimu.
5 Nsigaye mparurwa mu bamanuka mu nyenga,
meze nk’umuntu atakigira intege.

6 Nirebanga mu bapfuye,
meze nk’abasogoswe barambaraye mu mva,
nk’abo utagisubira kwibuka
kandi wakuyeko iminwe.

7 Wankororeye mu manga nyabarega,
mu mwijima no mu gitutu c’urupfu.
8 Ubukazi bwawe bwansenyukiyeko,
umpondoganirizako ibisebuzi vyawe vyose.

9 Waranciye ku bo tuzinanyi,
wangize ikivume kuri bo;
ndugaranywe, singisohoka.
10 Amaso yanje yakabiranye kubera umubabaro.
Ni wewe nambaza imisi yose Mukama,
ni wewe ntega ibiganza.

11 Mbega hari ibitangaza ugirira abapfuye?
Ugira ngo imizimu irazuka ngo iguhaye?
12 Mbega hari uwuzoyaga ubuntu bwawe ari mu mva,
ayage ubudahemuka bwawe ari mu nyenga?
13 Hari uwomenya ibitangaza vyawe ari mu mwijima,
akamenya ubutungane bwawe ari mu gihugu c’abibagiwe?

14 Jeho ni wewe nambaza, Mukama;
mu gitondo igisabisho canje ndacerekeza kuri wewe.
15 Ni kuki wampevye ga Mukama,
ukampisha inyonga zawe?

16 Ndi umurushwa, ndi akaheze kuva mu bwana;
nararinze imiturubiko yawe,
none nabuze ayo ncira n’ayo mira.
17 Ishavu ryawe ryarankirimbiyeko,
ubwoba untera burampundagaza.

18 Imisi yose vyama binca irya n’ino nk’amazi,
bikankikuza vyose hamwe.
19 Waranciye ku mukunzi no ku mugenzi,
umugenzi nsigaranye ni umwijima.

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Mukama, mw’ijoro ndagutabaza.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ni wewe nambaza, Mukama, ni wewe ntega ibiganza.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Mukama, uri Imana y’ubukiriro bwanje.

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Ni kuki wampevye ga Mukama, ukampisha inyonga zawe?

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

IJAMBO RY’IMANA         Yeremiya 14, 9b

Mukama, uri hagati yacu, kandi twitirirwa izina ryawe; ntuduhebe, Mukama Mana yacu!

INYISHU

Iyo atari mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya!
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya !
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Aleluya, aleluya!
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya !

URURIRIMBO RWA SIMEHO. Luka 2, 29-32. Kristu ni we muco w’amakungu n’ubuninahazwa bw’Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

29 Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengutsa umusavyi wawe mu mahoro.

30 Nkako amaso yanje yiboneye urukiza rwawe
31 wateguriye ibihugu vyose.

32 Wa muco uzokumenyesha mu makungu,
bwa buninahazwa bw’igihugu cawe Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

IGISABISHO

Mana Mushoboravyose, duhe, nk’uko twahambanywe n’Umwana wawe w’ikinege, tuberwe n’ukuzozukana na we mu buzima bushasha. We ari muzima akaba ahangamye ku ngoma, mu myaka n’imyaka.

Icit. Amen.

UMUHEZAGIRO

N’aho umuntu yoba yariko arasenga ari umwe, baheraheza batya:

Umukama Mushoboravyose naduhe tugire ijoro ritekanye kandi azoduhe n’iherezo ryiza.

Icit. Amen.

Hakurikira igisabisho co gushemeza canke gusaba Bikira Mariya Muhimbazwa. Nibahitemwo kimwe muri ibi:

Mu kirundi

Mu bindi bihe

1. Turakuramutsa Mugabekazi, Nyina w’ikigongwe, wewe tugendako, wewe utunezereza, wewe twishimira. Turakuramutsa, turakuborogera, twebwe bicibwa bene Heva. Turakuganyira, twebwe twinihira, turira muri iyi si y’amarira. None rero Muvunyi wacu, n’uturabishe ya maso yawe y’ikigongwe, na Yezu, wa Mwana w’inda yawe ahezagiye, umutwereke wa musi tuzova muri ubu bucibwa, wewe munyakigongwe, wewe mwiza, wewe Bikira utekereza, Mariya.

2. Turakwirukira uduhagarikire, Nyina mweranda w’Imana, mu bukene bwacu, ntugaye ibisabisho vyacu, yamara udukize imisi yose, mu magorwa yose. Wewe Mubikira muhimbazwa, nyaguhezagirwa. Amen!

Mu gihe c’Ipasika

3. Mugabekazi wo mw’ijuru, nezerwa, aleluya!
Kuko uwo waberewe n’ukwibungenga, aleluya!
Yazutse nk’uko yabivuze, aleluya!
Dusabire ku Mana, aleluya!

Mu kilatini

Mu bindi bihe

1. Alma Redemptóris Mater,
quae pérvia caeli porta manes, et stella maris,
succúrre cadénti, súrgere qui curat, pópulo:
tu quae genuísti, natúra miránte,
tuum sanctum Genitórem,
Virgo prius ac postérius,
Gabriélis ab ore sumens illud Ave,
peccatórum miserére.

2. Ave, Regína caelórum,
ave, Dómina angelórum,
salve, radix, salve, porta,
ex qua mundo lux est orta.

Gaude, Virgo gloriósa,
super omnes speciósa;
vale, o valde decóra,
et pro nobis Christum exóra.

3. Salve, Regína, mater misericórdiae;
vita, dulcédo et spes nostra, salve.
Ad te clamámus, éxsules fílii Evae.
Ad te suspirámus, geméntes et flentes
in hac lacrimárum valle.

Eia ergo, advocáta nostra,
illos tuos misericórdes óculos
ad nos convérte.
Et Iesum, benedíctum fructum ventris tui,
nobis post hoc exsílium osténde.
Ô Clemens, o pia, o dulcis Virgo María.

4. Sub tuum praesídium confúgimus,
sancta Dei Génitrix;
nostras deprecatiónes ne despícias
in necessitátibus
sed a perículis cunctis líbera nos semper,
Virgo gloriósa et benedícta.

Mu gihe c’Ipasika

5. Regína caeli, laetáre, allelúia,
quia quem meruísti portáre, allelúia,
resurréxit sicut dixit, allelúia;
ora pro nobis Deum, allelúia.

Amashemezo y’imbere y’ukuja kuruhuka mw’ijoro, ku wa kane

Ni vyiza ko bobanza kwihweza uburyo babayeho kuri uyo musi, bakisuzuma, iyo ari benshi, bakavuga igisabisho co gusaba ikigongwe nka kumwe bama babigira bari mu nkuka y’imisa.

Igit. Mana, ingo untabare
Icit. Mukama, tebuka undwaneko.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda,
Icit. Nk’uko vyamye hambere hose, nibimere ko n’ubu n’ibihe vyose,
mu myaka n’imyaka. Amen. (Aleluya)!

AKAVYINO

Bazogashiraho. Canke baririmbe urundi ruririmbo rubereye rwemejwe n’ababifitiye ububasha.

IZABURI Y’15. Umukama ni we ntoranwa yanje

Imana yarasubije ubuzima Yezu imukura mu vyara vy’urupfu (Ibikorwa vy’Abatumwa 2, 24)

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Uranzigama, Mana yanje, kuko ari wewe mpungirako.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ingo, Mukama, umenyeshe inzira y’ubuzima.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Nabwiye Umukama nti: «Uri Imana yanje.»

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Mana yanje, ntuzompebera ikuzimu.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

Unzigame, Mukama,
kuko ari Wewe mahungiro yanje.
Nabwiye Umukama nti: «Ni Wewe Mukama wanje,
nta wundi mugisha mfise, atari Wewe».

Ibintazi vyose bahora bemera mu ntara,
abavyihambirirako bahora babininahaza;
barakwiragiza ibigereranyo,
bakongera bakavyirukira.
Jeho, ntaho ndabicucagiza amaraso y’imbagwa,
ntaho ndabicisha no mu kanwa.

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje †
ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje;
ico nagenewe kirahimbaye,
eka bane natoranye akatabonetse.

Ndashimagiza Umukama, We muhanuzi wanje,
kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.
Mpoza Umukama imbere yanje, †
kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa †
kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ata co ninona;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima, †
imbere yawe agahimbare ni kose;
ku buryo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Uranzigama, Mana yanje, kuko ari wewe mpungirako.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ingo, Mukama, umenyeshe inzira y’ubuzima.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Nabwiye Umukama nti: «Uri Imana yanje.»

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Mana yanje, ntuzompebera ikuzimu.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

IJAMBO RY’IMANA                   1 Abanyatesalonika 5, 23

Imana y’amahoro yo nyene ubwayo nibagire beranda muri vyose; umwe wese uko ari kwose, ubwenge, umutima n’umubiri, yizigame, ku musi w’uguhindukira kw’Umukama wacu Yezu Kristu ntaze agire amahinyu.

INYISHU

Iyo atari mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya!
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya!
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Aleluya, aleluya!
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya!

URURIRIMBO RWA SIMEHO. Luka 2, 29-32. Kristu ni we muco w’amakungu n’ubuninahazwa bw’Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

29 Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengutsa umusavyi wawe mu mahoro.

30 Nkako amaso yanje yiboneye urukiza rwawe
31 wateguriye ibihugu vyose.

32 Wa muco uzokumenyesha mu makungu,
bwa buninahazwa bw’igihugu cawe Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

IGISABISHO

Mukama, Mana yacu, twebwe twaruhishijwe n’ibikorwa vyo ku murango, dusubize ingoga mu kudusinziriza, kugira ngo nitwamara kuruhuka dufashijwe nawe, tuze tuberwe n’ukugukorera n’amagara yacu yose n’umutima wacu wose.
Ku bwa Kristu, Umukama wacu.

Icit. Amen.

UMUHEZAGIRO

N’aho umuntu yoba yariko arasenga ari umwe, baheraheza batya:

Umukama Mushoboravyose naduhe tugire ijoro ritekanye kandi azoduhe n’iherezo ryiza.

Icit. Amen.

Hakurikira igisabisho co gushemeza canke gusaba Bikira Mariya Muhimbazwa. Nibahitemwo kimwe muri ibi:

Mu kirundi

Mu bindi bihe

1. Turakuramutsa Mugabekazi, Nyina w’ikigongwe, wewe tugendako, wewe utunezereza, wewe twishimira. Turakuramutsa, turakuborogera, twebwe bicibwa bene Heva. Turakuganyira, twebwe twinihira, turira muri iyi si y’amarira. None rero Muvunyi wacu, n’uturabishe ya maso yawe y’ikigongwe, na Yezu, wa Mwana w’inda yawe ahezagiye, umutwereke wa musi tuzova muri ubu bucibwa, wewe munyakigongwe, wewe mwiza, wewe Bikira utekereza, Mariya.

2. Turakwirukira uduhagarikire, Nyina mweranda w’Imana, mu bukene bwacu, ntugaye ibisabisho vyacu, yamara udukize imisi yose, mu magorwa yose. Wewe Mubikira muhimbazwa, nyaguhezagirwa. Amen!

Mu gihe c’Ipasika

Mugabekazi wo mw’ijuru, nezerwa, aleluya!
Kuko uwo waberewe n’ukwibungenga, aleluya!
Yazutse nk’uko yabivuze, aleluya!
Dusabire ku Mana, aleluya!

Mu kilatini

Mu bindi bihe

1. Alma Redemptóris Mater,
quae pérvia caeli porta manes, et stella maris,
succúrre cadénti, súrgere qui curat, pópulo:
tu quae genuísti, natúra miránte,
tuum sanctum Genitórem,
Virgo prius ac postérius,
Gabriélis ab ore sumens illud Ave,
peccatórum miserére.

2. Ave, Regína caelórum,
ave, Dómina angelórum,
salve, radix, salve, porta,
ex qua mundo lux est orta.
Gaude, Virgo gloriósa,
super omnes speciósa;
vale, o valde decóra,
et pro nobis Christum exóra.

3. Salve, Regína, mater misericórdiae;
vita, dulcédo et spes nostra, salve.
Ad te clamámus, éxsules fílii Evae.
Ad te suspirámus, geméntes et flentes
in hac lacrimárum valle.
Eia ergo, advocáta nostra,
illos tuos misericórdes óculos
ad nos convérte.
Et Iesum, benedíctum fructum ventris tui,
nobis post hoc exsílium osténde.
Ô Clemens, o pia, o dulcis Virgo María.

4. Sub tuum praesídium confúgimus,
sancta Dei Génitrix;
nostras deprecatiónes ne despícias
in necessitátibus
sed a perículis cunctis líbera nos semper,
Virgo gloriósa et benedícta.

Mu gihe c’Ipasika

5. Regína caeli, laetáre, allelúia,
quia quem meruísti portáre, allelúia,
resurréxit sicut dixit, allelúia;
ora pro nobis Deum, allelúia.

Calendrier (Clic sur date en bleu)

avril 2024
L M M J V S D
1234567
891011121314
15161718192021
22232425262728
2930