IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » mars

Archives Mensuelles: mars 2017

Uburyo bw’ukugira inzira y’umusaraba ku wuri wenyene

Ijambo ry’intango

«Turaduze i Yeruzalemu kandi Umwana w’umuntu baza kumuta mu minwe y’abaherezankuka bakuru n’abanditsi. Baza kumucira urw’ugupfa, bamutererane abashenzi ngo bamunebagure, bamukubite, bamubambe, yamara ku musi ugira gatatu azozuka.» (Matayo 20,17-19).

Canke:

«We Mwana w’Imana ntiyigeze yigubana iteka ry’ukungana n’Imana. Mbere yararizimanganije mu kwigira umushumba ashusha n’abantu. Yaricishije bugufi yigenza nk’umuntu, aranarushiriza mbere mu kugamburuka gushika apfe, kandi apfe ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira izina ryayo nyaryo rirengeye amazina yose.» (Abanyafilipi 2,6-9).

Dusabe:

Mana, wewe washatse ko Umwana wawe abambwa ku musaraba ku bwacu ngo adukure mu rupfu rw’ibicumuro, turagusavye twebwe abasavyi bawe tuze dushikire ubuninahazwa bw’izuka ryiwe.

Icibukiro ca mbere: Yezu acirwa urubanza ngo apfe.

«Pilato rero ahengera Abayuda bakoranye ababwira ati: « Na we Yezu yitwa Kristu ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: « N’abambwe! » Pilato arabishura ati: « Ikibi yakoze ni igiki? » Na bo barushirizaho gukoma induru bati: « N’abambwe! » Pilato abonye bibaye ivy’ubusa, ko umugumuko waguma wongerekana, yakira amazi akarabira imbere y’ishengero avuga ati: « Amaraso y’uwo muntu atagira icaha ntangweko, muravyifashe! » Igihugu cose cishurira rimwe giti: « Amaraso yiwe arakaduhama twebwe n’abana bacu! » Araheza Pilato abarekurira Baraba. Yezu na we ahejeje kumukubitisha, aramubaha ngo bamubambe.» (Matayo 27,22-26).

Dusabe:

Turagusavye Mukama n’urabe ryiza abantu batumye Umwana wawe Yezu Kristu acirwa urw’ugupfa, uheze ubagirire ikigongwe.

Icibukiro kigira kabiri: Yezu yikorera umusaraba.

«Yezu rero ajana umusaraba, agenda ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.» (Yohani 19,17).

«Natwe ntitumenye ko ari amagorwa yacu yikoreye, ari amaganya yacu yari amurembeje. Tukagira rero ngo yahanywe n’Imana, ngo ni yo yamuhanye ikamucunyacunya. Ko yarinze ayo magorwa azokiza benshi. Kuko yitanze we nyene akemera kubapfira, agaharurwa mu banyakabi, kandi yishura ibicumuro vya benshi, agakandira abacumuzi.» (Izaya 53,4,11,12).

Dusabe:

Mana Mushoboravyose kandi wamaho, wewe washatse kwereka abantu uburyo bwo kwicisha bugufi mu kurekura Umwana wawe ngo yigire umuntu yongere ababare apfe ku musaraba, dutabaze umutima w’ukurinda amagorwa, tumwigane.

Icibukiro kigira gatatu: Yezu agwa hasi.

«Isinzi ry’abantu bamubonye, bakagwa mu gahundwe kuko yari yayoberanye mu maso atari agisa n’umuntu. Baramugiriye nabi, na we yicisha bugufi, arihorera kurya kw’umwagazi bashoye mw’ibagiro, kurya kw’intama umengo ni ikiragi imbere y’abayikura ubwoya, ntiyakuye ururimi mu kanwa. Baramukuye kuri iyi si y’abazima, baramukubita gushika apfe, azira ibicumuro vyacu.» (Izaya 53)[1]

Dusabe:

Mana yacu, ukubabara kwa Kristu Umukama wacu, ni kwo kwagutumye kudukiza rya ragi twatoranye ku bavyeyi bacu ba mbere ari rwo rupfu rwadukanye n’igicumuro cabo, dutabare utugire beranda, dushushe n’Umwana wawe, duhunge ivy’isi, twirukire ijuru.

Icibukiro kigira kane: Yezu na Nyina bahwanira mu nzira.

«Iruhande y’umusaraba hari hahagaze Nyina wiwe.» (Yoh. 19,25.)

«Simeho arabahezagira, araheza abwira Mariya, Nyina wa Yezu ati: « Ha ! Uwu mwana benshi muri bene Israyeli bazomwandurako urupfu, kandi yongere abere urukiza benshi. Azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro vya benshi bizoheza vyibonekeze”.» (Luka 2,34-35).

Dusabe:

Mukama, igihe wababara umuvyeyi wawe Muhimbazwa Bikira Mariya yarababaye cane nk’uko nyene Simeho yari yabimuburiye. Ko turiko turibuka ububabare bwiwe, dutabare twame twakira ico Imana ishaka.

Icibukiro kigira gatanu: Bafata Umunyasireni yitwa Simoni ngo yakire Yezu umusaraba.

«Bariko baramujana kumwica, basūmira Simoni Umunyasirene, avuye kurima, bamuremeka umusaraba ngo niyakire Yezu.» (Luka 23,26).

«Nihaba hari kunkurikira niyihebe ntiyibabare, maze yiremeke umusaraba wa misi yose ankurikire. Uwuzobabara kwikiriza igara, uwo araritaye, na we uwuzoriheba ari jewe arihebeye, uwo ararikijije.
Uwutsindiye intara yose iyo iva ikagera ata muntu akirimwo canke yapfuye, uwo yungutse iki? Uwuzoterwa isoni nanje, akaziterwa n’ivyo mvuze, Umwana w’umuntu azomutera isoni umusi yamusanze aho anezerewe be na Se n’Abamarayika beranda.» (Luka 9,23-27).

Dusabe:

Mukama turakuzamvye, uturonse umutima w’ukwakira ibitugora, ntituguteko umwikomo, dukurikire inzira Umwana wawe yatweretse.

Icibukiro kigira gatandatu: Veronika ahanagura Yezu mu maso.

«Nta bwiza, nta mukayangano twamubonyeko, nta kantu k’agashikamuntu afise. Bose baramugaya, ni igitorwa mu bantu, magorwa, sêminiho, yari ameze nka bamwe abantu baraba bakanyinyirwa, baramunena, nta wamuraba.» (Izaya 53,2-3).

«Nimuze batoni ba Data, muronke ubwami yabateguriye isi itararemwa. Nagenda gusa muranyambika, nari ndwaye murandaba, ndi mw’ibohero murandamutsa. Ni ukuri ndabibabariye, ico cose mwagiriye umw’umwe wo mu bo tuvukana, aboro, ni je mwakigiriye.» (Matayo 25,34.36.40).

Dusabe:

Mukama Yezu, Wewe watwigishije kuba abanyakigongwe, niwame uvyara mu mitima yacu imbabazi, udufashe dushobore kuruhurira abarushe twongere dufashe abagowe.

Icibukiro kigira indwi: Yezu agwa hasi ubugira kabiri.

«Dawe, nta kikunanira, nkiza iyo kalisi, ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, nibibe nk’uko Wewe ubigomba.» (Mariko 14,36).

Dusabe:

Mukama, amagorwa yo kw’isi hari aho adutungura umutima tugashaka kwihebura. Turagusavye rero Umwana wawe yaguye avyuka, aturemeshereze umutima, twame twizigiye gukira.

Icibukiro kigira umunani: Yezu ahoza abagore bamuririra.

«Yari akurikiwe n’akabi k’ishengero be n’abagore bagenda barikubita ku gikiriza bamuririra. Yezu arakebuka ababwira ati: “Bakobwa b’i Yeruzalemu, ntimundirire, nimwiririre mwebwe nyene n’abana banyu. Kuko hashize imisi bazovuga bati: ‘Hahiriwe intavyara, inda zitavyaye n’amabere atonswe.’ Buno bazoja mu vyo kubwira imisozi bati: ‘Tugweko.’ Imirambi na yo bati: ‘Duhishe.’ Kuko nibaba bagiriye gutyo igiti kibisi, mbe icumye co bizokigendera gute?» (Luka 23,27-32).

«Yeruzalemu, Yeruzalemu, wica abahanuzi ugatera amabuye abo warungikiwe. Aho nageragereje kwegeranya abana bawe kurya inkoko yegeraniriza uduswi twayo mu mubi, ntubishake. Noneho inzu yawe izocika umusaka.» (Matayo 23,37-38).

Dusabe:

Mana nyenikigongwe, wama ugirira imbabazi ugakebura abacumuye, duhe twame tugaya ibibi dukora.

Icibukiro kigira icenda: Yezu agwa hasi ubugira gatatu.

«Ikangure kandi musabe, ntimutsindwe n’inyosha mbi. Kuko umutima uri ingoga, mugabo umubiri wo nta magara.» (Mariko 14,38).

Dusabe:

Mana Ndavyi yacu, raba ingene ibibi vyacu bituremereye, utugirire ubuntu bwawe uduhe ingoga dushobore kugukorera n’umutima uremurutswe.

Icibukiro kigira icumi: Yezu bamwambura ivyambarwa vyiwe.

«Abasirikare bamaze kumubamba, bafata imyambaro yiwe bayicamwo imyanya ine, umwe w’umw’umwe muri bo. Bafata n’ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro, yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hasi. Bavugana rero bati: “Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo uwuyironka.” Kwari ukugira ngo iri jambo ry’inyandiko ritahe ngo: “Baragabanganye impuzu zanje, nayo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.” Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.» (Yohani 19,23-24).

«Usangwa mwamwigishijwe mu nsiguro no mu nyigisho ziroranye n’ukuri muri Yezu, ari ko kwa gucuka ku migenzo yanyu ya mbere, kandi mukikurako rwa runturuntu rwa kera rwanyu, mukisagira wa muntu mushasha, yaremwe ku bugingo bw’Imana, mu butungane no mu bweranda bw’ukuri…» (Abanyefezi 4,21-24).

Dusabe:

Mukama, hari aho mu kurondera ibidutunga twibagira ko waturemeye iteka ry’ukuba abana bawe; turagusavye, Kristu yemeye akamburwa vyose adukize umunoho w’ivy’isi twame twitegurira ivyiza vy’ubuzima bushasha.

Icibukiro kigira icumi na rimwe: Yezu abambwa.

«Bamuha isiki ku muhingamo, ariko Yezu aranka kuyinywa. Baraheza baramubamba. Aho bamubamba hari kw’isaha y’icenda. Urwandiko rwerekana ico azize rwanditswe ngo: “Umwami w’Abayuda.” Bamubambana n’ibisuma bibiri, kimwe iburyo, ikindi ibubamfu. Abahita baramutuka.» (Mariko 15,23…29).

«Ubu iyi si niho igenyurirwa urubanza, ubu niho Umwami w’iyi si aza gutabwa hanze. Nanje ninamara kumanikwa, abantu bose nzobiyegereza.» (Yohani 12,31-32).

Dusabe:

Mana Rugiravyose, Nyenikigongwe, Wewe wadusanuje ukubabara kweranda n’urupfu vya Kristu wawe, zigama muri twebwe ico kigongwe cawe cadukuzemwo, maze twifatanye n’iri banga, tukuyoboke mu bugingo bwacu bwose.

Icibukiro kigira icumi na kabiri: Yezu apfa ku musaraba.

Umusaraba

«Dawe, barekurire ntibazi ico bakora.» (Luka 23,34).

«Kimwe muri nya bisuma vyari bibambwe giti: “Mukama, uranyibuka niwashika mu bwami bwawe.” Yezu aramwishura ati: “Ndakubariye ivy’ukuri, uyu musi, uraba kumwe nanje mw’ijuru.» (Luka 23,42-43).

«Iruhande y’umusaraba hari hahagaze Nyina wiwe. Yezu ngo abone nyina wiwe iruhande yiwe na ho wa mwigishwa yakunda, abarira nyina wiwe rero ati: “Wa mukenyezi we, ng’uwu umwana wawe”, abwira wa mwigishwa na we ati: “Ng’uwo nyoko wawe.» (Yohani 19,25-27).

«Ndanyotewe.» (Yohani 19,28).

«Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki?» (Matayo 27,46).

«Vyose birarangiye.» (Yohani 19,30).

«Dawe, ndaguhereje umutima wanje. Avuze atyo, aracikana.» (Luka 23,46).

Dusabe:

Ewe Yezu Kristu, Mwana w’Imana nzima, ku muhingamo waramanitswe ku musaraba kandi washeshe amaraso yawe meranda kugira ngo turokoke; turagusavye twaga hasi, nihagera uduhamagare tuze tugushikire iyo uri mu kanyamuneza.

Icibukiro kigira icumi na gatatu: Yezu bamubambura.

«Kuko cari igihe c’ukwitegura, kuko Isabato wari umusi mukuru uhambaye, Abayuda rero babwira Pilato ngo bavune amaguru y’abari babambwe baheze babakureho boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato. Abasirikare rero baraza bavuna amaguru y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri, muri bamwe babambwe hamwe na Yezu. Bashikiriye Yezu basanga yamaze gucikana, ntibamuvuna amaguru, ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu, haca hisuka amazi n’amaraso. Ivyo biheze Yozefu w’i Arimateya asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.» (Yohani 19,31…39).

«Nyina wiwe na we agumiza ku mushaha ayo majambo yose.» (Luka 2,51).

Dusabe:

Mukama Yezu Kristu, kuri uyu musi twibuka ko inkota yasogose umushaha wa Bikira Mariya, Umuvyeyi wawe, tuguhereje ibisabisho vyacu kugira ngo adusabire bwa kivyeyi hamwe n’aberanda bari kumwe munsi y’umusaraba, dushobore kugukurikira tudatinya.

Icibukiro kigira icumi na kane: Yezu ahambwa.

«Nikodemu na we araza, azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana. Bafata umubiri wa Yezu, bawuzingira mu mutamana hamwe n’ibimoga neza, nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu, hari umurima; muri uwo murima hakaba icobo gishasha ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo. Kuko wari umwiteguro w’Abayuda kandi icoba cari hafi, haba ari ho bahamba Yezu.» (Yohani 19,39…42).

«Ni ukuri ni ukuri, ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, naho iyo rupfuye, rwama vyinshi.» (Yohani 12,24).

Dusabe:

Mukama, Wewe watsinze urupfu, turagusavye, inganji yawe idufashe gushira ubwoba bw’urupfu n’ibindi dutinya, twame tugendera ukwizigira kuzohorana nawe, Wewe uri Imana hamwe na Data na Mutima Mweranda.

Icibukira kigira icumi na gatanu: Yezu yazutse, avyagiye mw’ijuru.

«Ndazi ko murondera Yezu yahambwe. Ntari aha, yarazutse nk’uko yari yabivuze. Nimuze murabe ikibanza yarimwo: bitayeko nimubandanye kubwira abigishwa biwe ko yazutse mu bapfuye.» (Matayo 28,5-7).

«Nimwaba mwazuranywe na Kristu, nimurondere ivy’ijuru, aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana. Nimwamize agatima ku vy’ijuru, mureke kwumira ku vy’isi, kuko mwapfuye kandi ubuzima bwanyu bukaba buhishanijwe na Kristu mu Mana.» (Abanyakolosi 3,1-3).

Dusabe:

Mukama, turakuzamvye, udushimire ukwihana kwacu, maze udushikirize inema yawe, kugira ngo twinovore akanovera k’izuka ryawe, niho tuzokwamana na Wewe muri vyose. Amen.

INSIGURO Y’IBIMENYETSO BIMWE BIMWE

[1] Muri Bibiliya si uko twabibonye ! Hari ibiri muri Izaya 52,14…n’ibindi tutabona neza.

Ijambo ry’Imana, indwi ya 5 y’Ikarema, ku wa gatandatu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (37, 21-28)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
«Nzokoranya vuba abana b’Israyeli bari bashwiragijwe mu bihugu vy’abapagani, mbakoranirize hamwe aho bari hose, mpeze mbagarukane mu gihugu cabo. Nzobazana mu misozi y’Israyeli mbashire hamwe bagire igihugu kimwe kandi bagabwe n’umwami umwe. Ntihazoba hakivugwa ibihugu bibiri canke abami babiri. Ntibazoba bacihumanisha ibigirwamana vyabo kandi ntibazoba bagisubira gukora amashano atavugwa. Nzobakiza ibicumuro bakoze vyose, mbatyorore. Gutyo bazoba igihugu canje, nanje mbe Imana yabo.
Umusavyi wanje Dawudi azoba umwami wabo. Bose bazogira umwungere umwe musa. Bazoyoboka amabwirizwa yanje, bazotegera amategeko yanje bongere bayakore. Bazogerera mu gihhugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, kimwe nyene abasokuruza babayemwo. Bazokibamwo bonyene, abahungu babo n’abana b’abahungu babo, imyaka yose. Umusavyi wanje Dawudi azoba umwami wabo ubutakihava. Nzokwunga na bo isezerano ry’amahoro, isezerano ry’imyaka yose. Nzobagerera nongenre mbagwize. Nzoshinga ingoro yanje hagati yabo imyaka yose. Nzogerera hagati yabo, mbe Imana yabo, na bo babe igihugu canje. Amakungu na yo azomenya ko ndi Umukama atagatifuza Israyeli, ninamara gushinga ingoro yanje hagati y’igihugu canje imyaka yose.»

URURIRIMBO RWA YEREMIYA (31, 10, 11-12, 13)

Icit.: Umukama azotuzigama,
         nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.

Mwa ntara, nimwumvirize ijambo ry’Umukama,
nimurimenyeshe mu mazinga yo hakurya y’ikiyaga;
Uwashwiragije Abanyisrayeli ni we azobakoraniriza hamwe,
abazigame nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.

Kuko Umukama yacunguye aba Yakobo,
akabakura mu minwe y’ababarusha inguvu.
Bazoshika ku musozi wa Siyoni bavuza impundu,
bazohurumbira ivyiza vy’Umukama.

Abakobwa bazosubira gutambana urweze,
si abana, si abatama, bose bazoba mu kanyamuneza:
nzobakura kugandara, mbajane kuvyina,
nzobahoza, amaganya yanyu ahinduke agahimbare.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,
unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.

Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (11, 45-56)

Muri irya misi, benshi mu Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baciye bamwemera. Bamwe muri bo yamara bagenda ku Bafarizayo bababwira ico Yezu yakoze. Abaherezankuka bakuru n’Abafarizayo rero bakoranya inama, bavuga bati: «Tuza kugira dute? Uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi. Nitwamureka, bose baza kumwemera, Abanyaroma noneho baze gutikiza igisengero cacu n’igihugu cose.» Umwe muri bo yitwa Kayifa yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka, ababwira ati: «Muri ibijuju. Ntimubona ko vyoba vyo umuntu umwe apfiriye igihugu, hako igihugu cose gitikira?» Ivyo ntiyabivuga ku bwiwe, ariko, kuko yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka, yamenyesha ko Yezu aza gupfira igihugu, nako si igihugu conyene, ni ukurema umuryango w’abana b’Imana bari basanzaye. Kuva ubwo, bashinga ingingo yo kumwica.
Ni co gituma atari akigendera icese mu Bayuda. Ni ko kugenda mu ntara yegereye agahinga, mu gisagara citwa Efurayimu, aba ari ho aguma n’abigishwa biwe. Pasika y’Abayuda yari hafi. Benshi mu banyagihugu baduga i Yeruzalemu imbere ya Pasika ngo bisukure. Bararondera rero Yezu bavugira mu gisengero bati: «Ku bwawe bite? Ubwo, ntazoza ku musi mukuru?»