IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry’Imana (La Parole de Dieu)

Archives de Catégorie: Ijambo ry’Imana (La Parole de Dieu)

Ijambo ry’Imana, idominika ya 15 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (30, 10-14)

Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu

Muri iya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati: «Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza uti: ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti: ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»

IZABURI 68 (69), 14. 17, 30-31, 33-34, 36ab.37

Icit. Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana;
        ni ho muzobona ubuzima.

Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama;
muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise;
n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,
kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose.
Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,
ku bw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza!

Jeho ndi umurushwa, ndababaye;
urukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise.
Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,
nzorivyinira, nzorikengurukira.

Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa:
«Eka namwe muhurumbira Imana,
nimusubize umutima hamwe!»
na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,
ntarenzako amaso abiwe ari imbohe.

Imana izobogora Siyoni
kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,
kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,
kandi abakunda izina ryayo bahagerere.

Canke: IZABURI 18 (19), 8, 9, 10, 11

Icit. Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yama itunganye.

Isumvya izahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange;
irusha kuryoha
ubuki n’umutsama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (1, 15-20)

Ku bwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe

Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka,
ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,

kuko muri We ariho vyose vyaremewe,
ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingantahe canke Ingabo
canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru,

Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye,
kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,

Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
uvyagira muri Kristu,

Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru,

Igihe yazana amahoro ku bw’amaraso yasheshe ku musaraba.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima;
urafise amajambo y’ubuzima budahera.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 25-37)

Ibwirizwa ry’urukundo

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu ati: «Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?»
Yezu na we aramwishura ati: «None, mu mabwirizwa handitswe iki? Uhora usomamwo ibiki?»
Uno na we amwishura ati: «Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.»
Yezu na we ati: «Wishuye neza; genda, ugire gutyo nyene, uzohoraho.»
Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati: «Mbega, mugenzanje ni nde?»
Yezu amusubiza ati: «Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umuherezankuka amanukana nya nzira; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya  na we yari yimariye urubanza, aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira amadenariyo abiri, ayahereza nyenindaro, amugira ati:‘ Murwaze neza, ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’ None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma?»
Wa Mwigisha yishura ati: «Ni uwo yamugiriye imbabazi.»
Yezu na  We ati: «Genda nawe rero, ugire gutyo.»

Ijambo ry’Imana, idominika ya 13 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 16b. 19-21)

Elize arahaguruka, akurikira Eliya

Muri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati: «Urasiga amavuta Elize mwene Shafati w’i Abeli Mehola, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.»
Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati : «Ndagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire.»
Eliya amwishura ati: «Niwigire, ubonye hari ico nakugize!»
Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi.

IZABURI  15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11

Icit.  Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje,
nabwiye Umukama nti: «Umukama ni Wewe.»
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,
kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona:
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (5, 1. 13-18)

Mwahamagariwe kwidegemvya

Ncuti zanje,
Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba.
Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya: mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo nirubatume gufashanya. Ibiri mw’Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe: urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Mugabo nimwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane.
Ico ndababwiye ni iki: nimugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega kamere mbi y’umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y’umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwanira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, nimwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n’Ibwirizwa.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Yaga, Mukama, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza;
ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 51-62)

Gukurikira Yezu mu nzira y’umusaraba

La croix de Medjugorje

Umusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe; na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati: «Mukama, ntiwoturekura tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza?» Arahindukira, arabakankamira ati: «Mwebwe mwaranyobeye: Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.»
Baca baja mu yindi mihana.
Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati: «Nzogukurikira aho uzoja hose.»
Yezu amwishura ati: «Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari; ariko Umwana w’umuntu we ntagira n’aho akika umusaya.»
Hanyuma sinzi uwo yabariye ati: «Nkurikira.»
Uri uwundi ati: «Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.»
Yezu na we aramwishura ati: «Reka abapfa bahambe abapfu babo; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.»
Haza uwundi amubwira ati: «Nzogukurikira, Mukama; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.»
Yezu aramwishura ati: «Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.»