IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » avril

Archives Mensuelles: avril 2017

Ijambo ry’Imana, ku wa 3 Rusama, aberanda Filipo na Yakobo, abatumwa

Umusi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 1-8)

Ncuti zanje,
Ndasubiye kubibutsa benewacu ya Nkuru nziza nabamenyesheje, ari yo mwakiriye mugahagararako, ari yo idahengeshanya kubakiza nimwayigumya nk’uko nayibamenyesheje ahandiho, mwoba mwemereye ubusa.
Ni uko rero, nabashikirije ubwa mbere ivyo nashikirijwe  nanje: ko Kristu yapfuye kubera ibicumuro vyacu nk’uko vyari vyanditswe, ko yabambwe, hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu, nk’uko vyari vyanditswe, kandi ko yabonekeye Kefasi, hanyuma bamwe Icumi na babiri, akongera akabonekera bamwe benewacu barenga amajana atanu, muri bo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe barapfuye, hanyuma yabonekeye Yakobo, asubira abatumwa bose. Maze, hanyuma ya bose, yarambonekeye nanje, nari meze nk’uwavutse atageze.

IZABURI

Icit.: Inkuru yabo irakwiye isi yose.

Ijuru rirayaga ko Imana ininahaye,
ikirere kikerakana ivyo yakoze.
Uko bukeye, uko bwije, ivyo bikorwa vy’Imana biravugwa,
uko bukeye ivyo bikorwa vy’Imana biramenyekana.

Nta majambo canke ururimi bifise,
ijwi ryavyo ntiryumvikana.
Ariko impinguro yavyo iribonekeza kw’isi yose,
ingendo yavyo ikibonekeza gushika ku mpera y’isi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimuririmbire Umukama, mushimagize izina ryiwe!
Nimuze muravuga uko bukeye uko bwije yuko ari we akiza!

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (14, 6-14)

Muri irya misi,
Yezu yabwiye Toma ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na Data. Ubu bwa none, muramuzi kandi mwaramubonye.» Filipo amubwira ati: «Mukama, twereke Data, bizoba bibaye!» Yezu aramwishura ati: «Aho twabaniye, nturamenya ga Filipo we? Uwumbonye aba abonye Data. Ushobora kuvuga ute, uti: Twereke Data? Mbega, ntiwemera ko ndi muri Data na we Data akaba muri jewe? Amajambo mbabwira sindayavuga ndayibwiye: ni Data aba ari muri jewe yirangurira ibikorwa vyiwe. Ni ukuri nyemere! Jewe ndi muri Data, na we Data akaba muri jewe; canke, nimupfume muvyemera ku bw’ibi bikorwa nyene.
Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwunyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora; ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data; nkaba nzogira ivyo muzosaba kw’izina ryanje vyose, kugira ngo Data aninahazwe muri Mwana. Nimwagira ico musaba kw’izina ryanje nzogikora.»

Ijambo ry’Imana, ku wa 1 Rusama, umweranda Yozefu, umukozi

Mu Burundi, ni Umusi Mukuru cane

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko  (1, 1. 26-2, 3)

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi. Imana iraheza ivuga iti: «Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi.» Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi.» Imana iraheza ivuga iti: «Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya.» Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize: vyari vyiza cane. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi ugira gatandatu.
Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize.
Ng’ayo amamuko y’ijuru n’isi igihe vyaremwa.

IZABURI 89 (90) 2, 3-4, 12-13, 14. 16b

Icit.: N’udushimangirire, Mukama,
         ivyo dukora n’amaboko yacu.

Imisozi itarabaho,
utararema isi n’ibihugu,
Weho wamye uri Imana
kuva kera na rindi.

Abantu urabasubiza mw’ibumba,
urababarira uti: «Bana b’abantu, nimusubireyo!»
Mu maso yawe, imyaka igihumbi imeze nk’umusi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.

N’utwigishe guharūra imisi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka: uzogeza ryari?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi wawe.

N’udukwize urukudo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umusi wose mu karirimbo no mu kanyamuneza.
Igikorwa cawe niciserure ku basavyi bawe,
be n’agahimbare kawe ku bana bawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (3, 14-15. 17. 23-24)

Ncuti zanje,
Ico mwokwitwararika imbere ya vyose, ni uko mwokwamana urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ishitse. Vyongeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu Mubiri umwe, maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana, Umuvyeyi wacu. Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Umukama, ntimube nk’abakorera abantu: murazi neza ko Umukama ari We azobaronsa  impera mu kubagira ba Samuragwa biwe. Umukama Yezu ni We mukorera.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi,
We Mana Mukiza wacu, yiremetseko ibituremereye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 54-58)

Yozefu mweranda na Yezu

Muri irya misi,
Yezu yagarutse mu ntara iwabo, arigishiriza mw’isinagoga ryabo. Abantu baratamarirwa bavuga bati: «Mbega ubwo bwenge n’ivyo bitangaro biva hehe? None, urya si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya, benewabo si Yakobo, Simoni na Yuda, bashikibe bose ntitubana? None, ivyo bintu vyose abikura hehe?» Bibatera umutima mubi.
Yamara Yezu We ababwira ati: «Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo.» Nta bitangaro vyinshi rero yahagiriye kubera ubugaba bwabo.