IMANA NI NZIZA

Accueil » 2018 » Mai

Archives Mensuelles: Mai 2018

Ijambo ry’Imana, umusi mukuru w’Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya

Bawuhimbaza ku musi wa gatandatu ukurikira umusi mukuru w’Umushaha wa Yezu.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 9-11)

Abazobamukako bazomenyekana mu mahanga, n’uruvyaro rwanyu ruzomenyekana mu makungu, abazorubona bose bazomenya yuko ari rwo ruvyaro rwahezagiwe n’Umukama.
Nzonezerwa cane mu Mukama, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje, kuko yanyambitse imyambaro y’urukiza, akanyorosa umutamana w’ubutungane, nk’uko umugeni aberwa n’urugori, kandi nk’uko umugeni ashaza n’utugenegene twiwe.
Nk’uko isi ibaduka ibimera n’indimo ikameza ivyayitewemwo, ni ko Umukama azomeza ubutungane n’ishimwe imbere y’amakungu yose.

URURIRIMBO : 1 Samuweli 1, 4-5ab, 6-7, 8abcd

Icit.: Imana iranezereza umutima wanje.

Umutima wanje uvugiriza impundu Umukama,
amaso yanje ahanze Imana yanje;
umunwa wanje uratwenga abansi banje,
kuko nezerewe n’urukiza rwawe.

Icumu ry’ubutwari riravunika,
mugabo abo ububasha buke bikenyeje ubukomezi;
abama bahimvye ni bo basigaye baca ingero,
abahora bashonje ntibagicumukura.

Umukama ni we yica kandi akaba ari we akiza,
ni we ajana mu kuzimu kandi akaba ari we akurayo;
Umukama ni we akenesha kandi ni we atungisha,
ni we asubiza hasi kandi ni we atonesha.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Hahiriwe Bikira Mariya,
we yama yibuka Ijambo ry’Imana,
akarizigama mu muzirikanyi wiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 41-51)

Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya

Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yezu bahora baja i Yeruzalemu ku misi mikuru ya Pasika. Aho Yezu amariye imyaka cumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nk’uko bama babigira ku misi mikuru ya Pasika. Imisi ya Pasika imaze guhera, barataha; umwana Yezu asigara i Yeruzalemu, na bo abavyeyi biwe batabizi. Bagira urugendo rw’umusi wose bakeka ko ari kumwe n’abo bazananye, baraheza bamuronderera mu ncuti no mu bo bazinanye. Ngo bamubure, basubira i Yeruzalemu kumurondererayo.
Bamaze gatatu, bamusanga mu gisengero yicaye mu bigisha hagati, abumviriza yongera ababaza. Abamwumva bose bagatangazwa n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura. Ngo bamurengukeko, barajumararirwa. Nyina wiwe amubwira ati: «Mbega mwananje, watugize ibiki? Urabona aho twǎhereye tukurondera twe na so, turi mu maganya!» Na we abishura ati: «Mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data?» Mugabo bo ntibategera iryo ababwiye.
Baraheza baramanukana basubira i Nazareti, akama abagamburukira. Nyina wiwe na we agumiza ku mushaha ayo majambo yose.

Ijambo ry’Imana, ku wa 31 Rusama, Bikira Mariya Muhimbazwa aja kuramutsa Elizabeti

Umusi mukuru

IGISOMWA CA MBERE (canke igikurikira)

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya (3, 14-18)

Icône de la Vierge Marie à Riccione

Muhimbare wa Siyoni, vuza impundu! Tamba utarike, Israyeli! Mwigeme w’i Yeruzalemu, himbarwa, umutima wuzuye akanyamuneza! Umukama yaragkijije urubanza rwari rukugeramiye, yaragukuyeko umwansi wawe; Umukama ni we Mwami w’Israyeli, araguhagarikiye: nta co ucinona.
Kuri uyo musi, bazobwira Yeruzalemu bati:
«Subiza umutima mu nda, Siyoni, ntucike inkokora.
Umukama Imana yawe, ya Ntwari mu rugamba, muri kumwe.
Uzomutera agahimbare, urukundo rwiwe ruzogusubiza itoto;
azokwiyereka, akuvugirize impundu, nko mw’isabukuru.

IKINDI GISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (12, 9-16b)

Ncuti zanje,
Urukundo rwanyu ntirugire agahemo, muzire akabi, kandi mwihambirire ku ciza. Nimukundane nk’abavandimwe, umwe wese yitangirane icubahiro mugenziwe, ntimugire urwagara mu mwitwarariko wanyu, ariko mwamane igishika mu mutima, mukorere Umukama. Nimunezerwe n’ivyo mwizigiye, mwigumye mu bibagora, mwizigitirire ku bisabisho; nimufashe aberanda bari mu bukene, mushime guha indaro ingenzi.
Nimuhezagire ababahama; mubahezagire ntimubavume. Nimunezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. Nimushimane, mutishima mu bisumbirije, mugakunda riho kujanwa n’ibiciye bugufi.

URURIRIMBO: Izaya 12, 2, 4b-5a, 5b-6

Icit.: Umukama ni mukuru cane hagati muri mwebwe.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje, ndayizeye,
nta co ngitinya.
Kuko Umukama ari we bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha we.

Kurire ubwatsi Umukama, ninahaze izina ryiwe.
Nimukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe!
Ibutse intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa,
curarangire Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Mariya yarinjiye mu buninahazwa bw’Imana:
nimunezerwe, muhimbarwe mw’ijuru, mwa Bamarayika mwese!

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 39-56)

Muri irya misi,
Mariya arahaguruka agenda yihuta mu misozi, aja mu gisaga c’Ubuyuda. Ashitse mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti. Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, umwana arakakaza mu mbanyi. Elizabeti yuzuwe na Mutima Mweranda, aca ashira ijwi hejuru avuga ati: «Mu bavyeyi warahezagiwe, kandi n’umwana wibungenze arahezagiye! Mbega iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa ndaritewe n’iki? Mbaye ncumva amajambo y’indamukanyo yawe, umwana mfise arakakaza mu mbanyi, akanyamuneza kariko karamusya. Eka, urahiriwe, wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha!»
Mariya na we aravuga ati:

«Umutima wanje uraninahaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana yo Mukiza wanje.
Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.
Kuko Mushoboravyose yangiriye ibitangaza:
izina ryiwe ni ryeranda.
Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana.
Yarerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.
Yarakuye ku ngoma abiganje,
yimika abatobato.
Abashonje yarabahagije ivyiza ,
abakungu na bo abarungika zirayoye.
Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe;
nk’uko yari yavyemereye ba sokuru bacu,
ko azotabara Aburahamu n’akabuto kiwe imyaka n’imyaka.»

Araheza Mariya agumana na Elizabeti nk’amezi atatu, hanyuma arataha i muhira.