IMANA NI NZIZA

Accueil » 2019 » mars

Archives Mensuelles: mars 2019

Ijambo ry’Imana, idominika y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (8, 41-43)

Umukama atega yompi umuntu wese

Umusi umwe, Salomo yariko arasenga, avuga ati: «Kavantara n’aho atari mu bo witoreye, niyaza avuye mu gihugu ca kure akurikirana Izina ryawe aje gusengera muri iki gisengero, uramutega yompi, kuko abantu bose bazokwumva Izina ryawe, ububasha n’ubutwari bwawe. Aho uhangamye mw’ijuru uramutega amatwi, umutabaze ivyo azogusaba vyose, kugira ngo amahanga yose amenye Iziina ryawe, aheze akwubahe nk’igihugu cawe Israyeli, kandi amenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa Izina ryawe.»

IZABURI 116 (117) 1, 2

Icit.: Kwire isi yose,
         mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose!

Canke: Aleluya.

Ntara zose, nimuninahaze Umukama,
bihugu vyose, nimumushemeze!

Kuko ubuntu bwiwe bwabaye akayazwe mu bantu,
na ryo iteka ryiwe ryamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (1, 1-2. 6-10)

Inkuru nziza y’Umukama ni wo muheto nitwaza

Jewe Pawulo Umutumwa, atatowe n’abantu kandi atarungitswe n’uwundi muntu, ariko yatowe na Yezu Kristu be na Mana Data yamuzuye mu bapfuye, jewe rero hamwe na benewacu bari aho bose, turandikiye amakleziya yose ya Galati.
Birantangaje ko mwaciye mwikura ningoga ku wabahamagariye mu nema ya Kristu mukirukira iyindi Nkuru nziza, kandi ata yindi iriho, atari abantu babahagarika umutima, bagashaka guhindura Inkuru nziza ya Kristu. Ariko, n’aho yoba twebwe canke umumarayika wo mw’ijuru abigisha Inkuru nziza inyuranye n’iyo twabigishije, baragacibwa! Nk’uko twabivuze ubwambere, kandi ndasubiriye kubibabwira uyu musi nihagira umuntu abigisha Inkuru nziza inyuranye n’iyo mwakiriye, aragacibwa! Mbega, ubu ni ishimwe ry’abantu ngomba canke ni iry’Imana, canke se ndondera kunezereza abantu? lyo mba nari nkirondera kunezereza abantu, sinobaye nkiri umusuku wa Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Imana yakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege;
uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 1-10)

Muri Israyeli, nta ho nari bwabone ukwemera kungana gutyo

Umushaha wa Yezu

Umusi umwe, Yezu ahejeje kubwira ishengero ayo majambo yose, yaciye yinjira mu gisagara ca Kafaranawumi. Hariho umukuru w’abasirikare, umusuku wiwe akunda cane yari arwaye, ari mu gupfa. Ngo yumve bavuga Yezu, atuma bamwe bo mu bakurambere b’Abayuda kumwinginga ngo aze kumukiriza umusuku. Bashikiriye Yezu, baramusaba bashimitse, bati: «Arakwiye ko womwumvira, kuko akunda igihugu cacu, n’isinagoga yacu ni we yayitwubakiye.» Yezu rero ajana na bo. Ari mu gushika, wa mukuru atuma bamwe bo mu bagenzi biwe kumubwira bati: «Muhanyi, ntiwirirwe urigora, kuko bidakwiye ko wokwinjira mu nzu yanje. Ni co gituma nanje ntubahutse kurenguka imbere yawe. Mugabo pfa kuvuga ijambo rimwe, umusuku wanje aca akira. Erega, n’aho mfise abanduta, ndafise abasirikare ngaba mbwira umwe nti: Genda, akagenda nabarira uwundi nti: Ingo, akaza; umusuku wanje namugira nti: Kora iki, akagikora.» Yezu ngo avyumve, aramutangarira; ni ko guhindukira akabarira ishengero ryamukurikira ati: «Ni ukuri ndababwiye: muri Israyeli nta ho nari bwabone ukwemera kungana gutyo. Abatumwe basubira imuhira, basanga wa musuku yakize neza.