IMANA NI NZIZA

Accueil » 2022 » janvier

Archives Mensuelles: janvier 2022

Amashemezo y’Ekleziya, ku wa 2 Ruhuhuma, Iherezwa ry’Umukama II

Menya neza:

Twagize nka kumwe abasaserdoti banyu bama babagirira mu maparuwase yanyu, nimwasanga hari amajambo tutahurijeko, muce mwisunga urupapuro babahaye.

KU MUGOROBA

Igit. Mana yanje, untabare.
Icit. Mukama, bandanya undwaneko.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda,
Icit. Kuko ari yo Mana iriho n’Iyamyeho n’Iyigira ngo ize,
mu myaka n’imyaka. Amen. Aleluya.

Akavyino

Bazogashiraho. Canke baririmbe urundi ruririmbo ruvuga ibijanye n’umuco.

Amazaburi

Izaburi y’109. Kristu ni we Mwami n’Umusaserdoti.

Igit.: Mutima Mweranda yari yaramenyesheje Simeho
ko atazosandaba atarasanganira Uwasizwe n’Umukama.

Umukama yabariye Umukama wanje, ati:
«Niwicare iburyo bwanje,
gushika aho nzogira abansi bawe irambirizo.»

Uhangamye muri Siyoni azokwiza ubwami bwawe:
ganza no ku bansi bawe.
Wavukanye ingoma ku misozi myeranda,
umutwenzi utarakika narakwibarutse.

Umukama yarabiraganye kandi ntazokwisubirako,
ati: «Uzokwama uri umusaserdoti w’intahava,
nk’umwami Melekisedeki.»

Umukama ahagaze iburyo bwawe,
acuranguza abami ku musi w’ishavu ryiwe.
Akiri mu nzira, azonywa umugezi,
hanyuma aninahazwe.

Igit.: Mutima Mweranda yari yaramenyesheje Simeho
ko atazosandaba atarasanganira Uwasizwe n’Umukama.

Izaburi y’129. Ukwizera ikigongwe c’Imana

Igit.: Mu kwegurira umwana Umukama, bahereje inuma zibiri zikiri nto.

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira:
nuntege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.

Mbega Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
ni co gituma bakwubaha kandi bakakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.
Umuteramyi niyitege umutwenzi,
Israyeli na yo niyitege Umukama!

Kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ari ho bakirira rwose;
ni We azobohora Israyeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

Igit.: Mu kwegurira umwana Umukama, bahereje inuma zibiri zikiri nto.

Ururirimbo (Abanyakolosi 1, 12-20)

Igit.: Amaso yanje yiboneye urukiza rwawe wateguriye ibihugu vyose.

Nidukengurukire Imana Data,
Yo yaduhaye amagara y’ugusangira
mu muco wayo uhimbaye
iragi ry’aberanda.

Icit.: Urakaninahazwa,
Wewe Mfura wavuye mu bapfuye!

Ni We yadukuye mu bubasha bw’umuzimagiza,
adushira mu Bwami bw’Umwana wiwe akunda cane,
We twaronsemwo urukiza
n’ikigongwe c’ibicumuro.                                                       Icit.:

Ni we gashusho k’Imana itaboneka,
ni we yaboneye izuba zina kiremwa cose;
kuko muri we ari ho vyose vyaremewe,
ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi.                                                   Icit.:

Vyose ni we yabiremye, abirema avyiremera,
ibiboneka n’ibitaboneka;
yamye ariho vyose bitarahaba,
kandi vyose bibeshwaho kuri We.                                        Icit.:

Ni we kandi Mutwe w’Umubiri wiwe Ekleziya,
ni We Mfura y’abapfuye,
ni We yagenywe kuba
uwa mbere muri vyose.                                                         Icit.:

Ugasangwa Imana yashimye
ko vyose bisagarara muri Kristu,
kandi yashatse ko aba
Sahwanya wa vyose.                                                              Icit.:

Aho yasesa amaraso yiwe ku musaraba,
Imana yashatse kwuzura
n’ibiremwa vyayo vy’isi
n’ibiremwa vyayo vy’ijuru.                                                   Icit.:

Igit.: Amaso yanje yiboneye urukiza rwawe wateguriye ibihugu vyose.

Ijambo ry’Imana                          Abahebereyi 4, 15-16

Ncuti zanje,
Erega ntidufise Umuherezankuka mukuru adashobora kubabarana natwe mu magara make yacu, kuko yagejejwe nkatwe muri vyose kiretse igicumuro. Nitwegere rero ya ntebe y’umugisha ata co twinona, kugira ngo tugirirwe ubuntu kandi turonke umugisha ngo bidufashe mu gihe kibereye.

Inyishu

Igit. Amaso yanje yiboneye urukiza
wateguriye ibihugu vyose.

Icit. Amaso yanje yiboneye urukiza
wateguriye ibihugu vyose.

Igit. Ni rwo muco w’ubuninahazwa
Icit. Wateguriye ibihugu vyose.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Amaso yanje yiboneye urukiza
utegurira ibihugu vyose.

Ururirimbo rwa Bikira Mariya

Igit. Uyu musi, Bikira Mariya yahereje Yezu mw’isengero.
Simeho yakiriye umwana mu minwe yiwe
yongera arakengurukira Imana.

Umutima wanje uraninahaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana
yo Mukiza wanje!

Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe;
kuko Rugiravyose yangiriye ibitangaro:
izina ryiwe ni ryeranda.

Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana;
yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.

Yarakuye ku ngoma abiganje,
yimika abatobato.
Abashonje yarabahagije ivyiza,
abakǔngu na bo abarungika zayoye.

Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe:
nk’uko yari yavyemereye abasokuru bacu,
ko azotabara Aburahamu n’akabuto kiwe,
imyaka n’imyaka.

Igit. Uyu musi, Bikira Mariya yahereje Yezu mw’isengero.
Simeho yakiriye umwana mu minwe yiwe
yongera arakengurukira Imana.

Igisabisho c’abakristu

Icit. Mukama, ugurura amaso yacu, tubone ivyiza vy’agatangaza biva ku rukundo rwawe.

Wewe muco w’isi,
– kabura ukwemera mu mishaha y’abantu bose.

Wewe buninahazwa bw’igihugu cawe,
–  gira ko Ekleziya yoba ikimenyetso c’urukiza wahaye abantu bose.

Wewe washize mu mushaha wa Simeho icipfuzo c’ukukubona,
– ingo urōngôre abakurindiriye batabizi.

Wewe wahaye nyoko kwifatanya nawe igihe witanga,
– niwibuke abo bose bababara bakwisunga.

Udusabisho tw’umwumwe

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

Igisabisho

Mana Mushoboravyose kandi wamaho, turagutakambiye twicishije bugufi: nk’uko Umwana wawe w’ikinege yakwihereje uyu musi mu ngoro yawe mu kamere yacu y’abantu, n’abe ari ko tukwihereza natwe dufise umutima mweranda.
Tubigusabishije Yezu Kristu, Umwana wawe ari We Mukama wacu, We Mana musangiye ubuzima n’ingoma hamwe na Mutima Mweranda ubu no mu myaka yose.

Icit. Amen.

Umuhezagiro.

Amashemezo y’Ekleziya, ku wa 2 Ruhuhuma, Iherezwa ry’Umukama

Menya neza:

Mu kirundi, nta mashemezo ategekanirijwe umusi mukuru nk’uyu araboneka. Ariko mu maparuwase amwamwe, abasaserdoti banyu bama babigorera, bakayabatunganiriza mu kirundi bayakuye mu gifaransa. Na twebwe twagize nk’uko nyene. Nimwasanga hari amajambo tutahurijeko, muce mwisunga urupapuro abasaserdoti banyu bazoba babahaye. Ekleziya y’i Burundi niyagira ico ishikirije, tuzobihindura twese, biheze bize bisa ijana kw’ijana.

MU GITONDO

Mukama, ntabara, umfatanure umunwa.
Ururimi rwanje ruheze ruguhaye.

Izaburi ya 94. Canke iya 99 canke iya 66 canke iya 23

Igit.: Uyu musi, Umukama yinjiye mu ngoro yiwe.
nimuze tumusenge.

Canke:

Igit.: Arakaninahazwa Kristu w’Imana,
arakaninahazwa uwarungitse n’Umukama.

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza!
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine!

Na none Umukama ni Imana ihagaze,
Umukama aha ku minwe ibigirwamana vyose:
imibande ikoraniye mu minwe yiwe,
n’imisozi miremire ni rwiwe;
ikiyaga ni iciwe, ni We yakiremye,
isi y’agataka yabumbwe n’iminwe yiwe.

Shike, duce bugufi, dupfukame:
dusenge Umukama yaturemye;
na none ni We Mana yacu, +
natwe tukaba intara arongôye,
turi ubusho bukurikira ukuboko kwiwe.

Uyu musi icompa nkumviriza ijwi ryiwe rivuga riti:
«Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu
bangerageza bakancaca.

Naraberetse ko ntabishimiye:
Bamara imyaka mirongo ine bantera iseseme;
nkama mvuga nti: Abo bantu bari n’umutima ucuramye,
kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.
Niho narahira, kw’ishavu banteye, nti:
Bazorinda bahenuka badahonyoye iwanje.»

Igit.: Uyu musi, Umukama yinjiye mu ngoro yiwe.
nimuze tumusenge.

Canke:

Igit.: Arakaninahazwa Kristu w’Imana,
arakaninahazwa uwarungitse n’Umukama.

Akavyino

Bazogashiraho. Canke mukoreshe akaririmbo kavuga ibijanye n’umuco. Akarorero : «Umuco warasiye mu mwijima», Shemeze Imana V, urupapuro 88.

Amazaburi

Izaburi ya 62. Inyota dufitiye Imana

Igit.: Simeho yari yiteze uruhoza rw’Israyeli,
kandi Mutima w’Umukama yari kumwe na we.

Mana, ni Wewe Mana yanje,
mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare,
umushaha wanje urakunyotewe;
nanje nkakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga ibuze ikinyotera.

Niko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!

Niko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe kw’izina ryawe;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

Aho ndyamye, ninaba nibuka izina ryawe, +
mara ijoro yose nkwiyumvira,
kuko waje kuntabara;
nanje nakuvugirije impundu
ndi mu mutamana wawe.
Umutima wanje wose urakugumbira,
ukuboko kwawe ni kwo kunshigikiye.

Ariko abashaka kunyica baragahonera mu nyenga,
barakaribwa n’ibitaragu, bagwe kw’icumu!
Umwami na we azohimbazwa n’Imana,
uwuzoyirahira wese azoninahazwa,
na bo ababeshi bazokazibira.

Igit.: Simeho yari yiteze uruhoza rw’Israyeli,
kandi Mutima w’Umukama yari kumwe na we.

Ururirimbo (Daniyeli 3). Amashemezo y’ibiremwa vyose

Igit.: Simeho yarakiriye umwana mu minwe yiwe,
aca aninahaza Umukama.

Emwe, mwa biremwa vy’Umukama vyose,
nimuhezagire Umukama:

Icit.: Ni We akwiye gushemezwa n’ukuninahazwa
mu myaka n’imyaka!

Emwe, mwa bamarayika b’Umukama,
nimuhezagire Umukama:

Icit.: Ni We akwiye gushemezwa n’ukuninahazwa
mu myaka n’imyaka!

Namwe, majuru y’Umukama,
nimuhezagire Umukama;
namwe, mazi ya ruguru y’ijuru,
nimuhezagire Umukama;
namwe, nkomezi z’Umukama zose,
nimuhazagire Umukama!

Namwe, zuba n’ukwezi,
nimuhezagire Umukama;
namwe, nyenyeri zo mw’ijuru,
nimhezagire Umukama;
namwe, mvura n’urume,
nimuhezagire Umukama!

Namwe, muyaga n’igihuhusi,
nimuhezagire Umukama;
namwe, muriro n’intuguta,
nimuhezagire Umukama;
namwe, mbeho n’igikonyozi,
nimuhezagire Umukama!

Namwe, rume n’isegenya,
nimuhezagire Umukama;
namwe, mbeho n’igikonyozi,
nimuhezagire Umukama;
namwe, rubura n’amasimbi,
nimuhezagire Umukama!

Namwe, joro n’umurango,
nimuhezagire Umukama;
namwe, muco n’umwijima,
nimuhezagire Umukama;
namwe, miravyo n’ibicu,
nimuhezagire Umukama!

Imisi yose iragahezagira Umukama:

Icit.: Ni We akwiye gushemezwa n’ukuninahazwa
mu myaka n’imyaka!

Namwe, misozi n’imitumba,
nimuhezagire Umukama;
namwe, bimera vyo kw’isi,
nimuhezagire Umukama;
namwe, masôko n’imyonga,
nimuhezagire Umukama!

Namwe, biyaga n’inzuzi,
nimuhezagire Umukama;
namwe, bisizimwe vyo mu mazi n’ifi zose,
nimuhezagire Umukama;
namwe, nyoni zo mu kirere,
nimuhezagire Umukama;
namwe, bikoko n’udukoko,
nimuhezagire Umukama!

Nawe, Gihugu c’Imana,
hezagira Umukama!
namwe, mwa basaserdoti b’Umukama,
nimuhezagire Umukama;
namwe, mwa bakorezi b’Umukama,
nimuhezagire Umukama!

Namwe, mwa mitima y’intungane,
nimuhezagire Umukama;
namwe, mwa beranda be n’abifata rworo,
nimuhezagire Umukama;
namwe, Ananiyasi, Azariyasi na Misayeli,
nimuhezagire Umukama!

Icit.: Ni We akwiye gushemezwa n’ukuninahazwa
mu myaka n’imyaka!

Mukama, uragahezagirwa mw’ijuru!

Icit.: Ni Wewe ukwiye gushemezwa n’ukuninahazwa
mu myaka n’imyaka!

Igit.: Simeho yarakiriye umwana mu minwe yiwe,
aca aninahaza Umukama.

Izaburi y’149. Imana irashemezwa

Igit.: Ng’uyu umuco! Imana irihishuriye amakungu.
Yezu ni we buninahazwa bw’Israyeli.

Nimuvyinire Umukama akavyino gashasha,
nimumuvyinire mu kagari k’abamwemera;
abana b’Israyeli nibigine Imana yabaremye,
nayo abana ba Siyoni bahimbarwe n’Umwami wabo;
nibamushemeze mu muhamirizo,
bamukeze mu murisho w’ingoma
no mu murya w’inanga!

Nkako, Umukama arakunda abantu biwe,
aratonesha abifata rworo, akabarokora;
abantu biwe bigina iteka,
baratambana urweze batarika,
ishimagizwa ry’Imana ribuzuye akanwa,
bitwaza ingangura z’ubugi bubiri,

kugira ngo bihanize ibihugu,
bahane amakungu,
kugira ngo bashire mu mvuto abami bayo,
na bo abo mu nda y’ingoma bababoheshe ivyuma,
bongere bashinge ingingo ikurikiza ivyanditswe,
ngo: «Iryo teka ryahariwe abantu b’Imana».

Igit.: Ng’uyu umuco! Imana irihishuriye amakungu.
Yezu ni we buninahazwa bw’Israyeli.

Ijambo ry’Imana                             Malakiya 3, 1.

Ehe ndungitse intumwa yanje, itegure inzira imbere yanje. Kandi Umukama murondera azoshika giturumbuka mu Ngoro yiwe. Intumwa y’isezerano mwipfuza, ng’iyo iraje. Ni irivuzwe n’Umukama Nyeningabo.

Inyishu

Igit. Nimwemere umuco,
ni ho muzoba abana b’umuco.

Icit. Nimwemere umuco,
ni ho muzoba abana b’umuco.

Igit. Gihugu c’Imana, wewe ngoro nzima y’Umukama,
akira Umwami wawe ari we mwana wa Bikira Mariya. Icit.

Igit. Simeho yaramwakiriye mu minwe yiwe,
yuzuye akanyamuneza
Nimumumenye namwe, n’aho umengo ni ntamagara. Icit.

Ururirimbo rwa Zakariya

Igit.: Abavyeyi b’umwana Yezu binjiye mu Ngoro y’Imana,
Simeho yaciye amwakira mu minwe yiwe, aca akengurukira Imana.

Umukama, Imana y’Israyeli, nihezagirwe,
yaramukije yongera abohora igihugu ciwe.

Yaradukijije agirako aradushigikira,
abigirira Dawudi umusuku wiwe.
Ni ko yari yarabiranze kuva kera hose,
atumye abahanuzi biwe beranda:

Ngo adukize abansi bacu,
adukure mu minwe y’abatwanka bose;
kugira ngo yereke ikigongwe ba sokuru bacu,
yongere yibuke ubwuzure bwiwe bweranda;

Ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuru wacu,
ko azoturokora, adukure mu minwe y’abansi,
tubone kumukorera ata bwoba,
mu bweranda no mu butungane,
mu nyonga ziwe, imisi yose tukiriho.

None ga mwana,
uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru,
kuko uzorongōra Umukama
umutegurire amayira,
umenyeshe igihugu ciwe ubukiriro
bw’ugukira ibicumuro vyabo:

N’igikorwa c’ikigongwe c’Imana yacu,
kizotuma turamutswa n’Uwo mw’ijuru;
ngo aboneshereze abaraye
mu mwijima n’igitutu c’urupfu,
atwerekeze mu nzira y’amahoro.

Igit.: Abavyeyi b’umwana Yezu binjiye mu Ngoro y’Imana,
Simeho yaciye amwakira mu minwe yiwe, aca akengurukira Imana.

Igisabisho c’abakristu

Mukama Yezu, kugira ngo urangure Itegeko, warashimye ko baguhereza So,
– twigishe kwitanga turi kumwe nawe muri Ukaristiya ry’Ekleziya yawe.

Icit.: Mukama, ese amaso yacu yobona urukiza rwawe!

Yezu, wewe waje guhwana n’igihugu cawe igihe Simeho yakwakirira mu Ngoro y’Imana,
– duhe natwe kwakira y’abavukanyi bacu.

Yezu, wewe ibihugu vyose vyari birindiriye, wewe umuhanuzikazi Ana yashoboye kumenya,
– twigishe ukuntu twokuyagira abandi.

Yezu, wewe kimenyetso abo kw’isi bahazanirako,
– tubere urukiza Imana yateguriye ibihugu vyose.

Udusabisho tw’umwumwe.

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

Igisabisho

Mana Mushoboravyose kandi wamaho, turagutakambiye twicishije bugufi: nk’uko Umwana wawe w’ikinege yakwihereje uyu musi mu ngoro yawe mu kamere yacu y’abantu, n’abe ari ko tukwihereza natwe dufise umutima mweranda.
Tubigusabishije Yezu Kristu, Umwana wawe ari We Mukama wacu, We Mana musangiye ubuzima n’ingoma hamwe na Mutima Mweranda ubu no mu myaka yose.

Icit.: Amen.

Umuhezagiro.