IMANA NI NZIZA

Accueil » 2022 » juillet

Archives Mensuelles: juillet 2022

Amashemezo y’Ekleziya, ku wa 26 Mukakaro, aberanda Yohakimu na Ana, abavyeyi ba Bikira Mariya Muhimbazwa II

Abo kwibuka

AMASHEMEZO YO KU MUGOROBA

Igit.: Mana yanje, untabare.
Icit.: Mukama, bandanya undwaneko.
Igit.: Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda,
Icit.: Kuko ari yo Mana iriho n’Iyamyeho n’Iyigira ngo ize,
mu myaka n’imyaka. Amen. Aleluya.

Akavyino

Bazogashiraho. Canke bakoreshe ururirimbo rwerekeye aberanda Yohakimu na Ana canke urundi ruririmbo rwerekeye aberanda.

Izaburi ya 19. Igisabisho c’ugusabira umwami.

Igit.: Nitwigine, kuko Imana yadukijije.

Ese Umukama yokugarukira umusi wariganiwe,
izina ry’Imana ya Yakobo rikagukingira.
Aho avyagiye, nakubungabunge,
kuva kuri Siyoni nagume ari inkinzo yawe.

Niyibuke ishikanwa ryawe,
ashime ingorore yawe;
nakuronse ico umutima wipfuza,
akwunganire mu vyo we nyene abona bibuze.

Maze natwe twigine yuko twatsinze, +
twiyage umugani kubera izina ry’Imana yacu:
Ese Umukama yorangura ivyo wamusavye vyose!

Ubu rero ndavyemeye:
Umukama aragarukira uwo yitoreye;
aho avyagiye mu ngoro y’ijuru,
aramwishura mu kumukiza n’ukuryo kwiwe.

Bamwe bizigira ibitwazi, abandi amafarasi;
tweho twambaza izina ry’Imana yacu ari yo Mukama.
Bo baragoyagoya bagatemba,
tweho nta co twinona, turakomeye.

Mukama, umwami muhe intsinzi,
maze utwumvire umusi twagutabaje.

Igit.: Nitwigine, kuko Imana yadukijije.

Izaburi ya 20. Igisabisho c’ugukenguruka n’ic’ugusabira umwami

Igit.: Utwereke ububasha bwawe, Mukama;
niho tuzoririmbira ubutwari bwawe.

Ewe Mukama, ubutwari bwawe buhimbara umwami,
urakiza agahimbarwa;
wamugabiye ico umutima ushaka,
ntiwamwimye ico yakuzamvye.

Na none watunganije umuhezagiro w’akatabonetse,
umwambika urugori rw’inzahabu itagira imvange;
wamuhaye ubugingo yagusavye,
umuha kuramba cane kandi umuha n’uguhoraho.

Umuha gutabaruka ukaba umuteye iteka ryinshi,
wamuhaye ishaza riteye igomwe;
egome, wamuhaye umuhezagiro wa misi yose,
iwawe aragororokewe.

Ego cane, umwami yizeye Umukama,
ikigongwe c’Uwo mw’ijuru kiramutesha gutirimuka.

«Uzotera abakurwanya, wa mwami,
ukuryo kwawe gutsinde abansi;
uzobacanira bwa tanure umusi washitse ushavuye, +
Umukama azobahambako ishavu,
kandi umuriro uzobaturira ubatongore.

Uzobamarako imbuto bosize,
abuzukuruza babo bahone mu bantu;
ntako bagiye inama yo kukugirira nabi,
bagapfundika rimwe,
bagapfa ubusa ntibazogutsinda;
mbere uzofora umuheto,
bahinde basubira inyuma.»

Haguruka, Mukama, utwereke ububasha bwawe;
niho tuzoririmbira ubutwari bwawe.

Igit.: Utwereke ububasha bwawe, Mukama;
niho tuzoririmbira ubutwari bwawe.

Ururirimbo (Ivyahishuwe 4-5)

Birakubereye, Mukama, Mana yacu,
guhabwa icubahiro n’ininahazwa n’ububasha.

Icit.: Umwagazi w’Imana nushikirizwe
ububasha n’icubahiro n’ininahazwa!

Kuko ari Wewe waremye vyose,
ugushaka kwawe ni kwo kwatumye
vyose bibaho bikaremwa.                                          Icit.:

Uraberewe, Mukama, kwakira igitabu
n’uguhomora udushashara twaco.                             Icit.

Kuko witanzeko inkuka,
ugacungurira Imana, mu maraso yawe,
abantu bo mu miryango yose no mu ndimi zose,
no mu bihugu vyose no mu mihingo yose.                Icit.

Waratugiriye Imana yacu Ubwami n’Ubusaserdoti
Ni co gituma tuzoganza kw’isi.                                 Icit.

Umwagazi witanzeko inkuka uraberewe kwakira
ububasha n’ubutunzi, ubwenge n’ubukomezi,
icubahiro n’ubuninahazwa n’ishimagizwa.               Icit.

Ijambo ry’Imana                Abanyeroma 9, 4-5

Bobo ni Abanyisrayeli. Baragenewe iteka ryo kuba abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese n’imihango. Bamuka kuri ba sokuru kandi muri bo ni ho Kristu yamuka ku vy’umubiri, we aganza vyose. Imana nininahazwe mu myaka yose! Amen!

Inyishu

Icit.: Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka impuhwe ziwe.

Igit.: Nk’uko yari yaravyemereye abasokuru bacu,

Icit.: Yaributse impuhwe ziwe.

Igit.: Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda

Icit.: Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka impuhwe ziwe.

Ururirimbo rwa Bikira Mariya

Igit.: Ku gashitsi ka Yese harameze umunago mwiza,
kuri wo hava ishurwe rimota neza cane.

Umutima wanje uraninahaza Umukama,
umushaha wanje wahimbawe n’Imana
yo Mukiza wanje!

Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe;
kuko Rugiravyose yangiriye ibitangaro:
izina ryiwe ni ryeranda.

Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana;
yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.

Yarakuye ku ngoma abiganje,
yimika abatobato.
Abashonje yarabahagije ivyiza,
abakǔngu na bo abarungika zayoye.

Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe:
nk’uko yari yavyemereye abasokuru bacu,
ko azotabara Aburahamu n’akabuto kiwe,
imyaka n’imyaka.

Igit.: Ku gashitsi ka Yese harameze umunago mwiza,
kuri wo hava ishurwe rimota neza cane.

Igisabisho c’abakristu

Nitwicishe bugufi mu kwambaza Data Mushoboravyose
ngo akunde kwumviriza ibisabisho vyacu,
maze tumusabe tuti:

Icit.: Mukama, udushiremwo Umutima wawe.

Ewe Mwami uganza intara zose, nudutabarire ibihugu n’ababitegeka:
– ntibatirimuke kw’itegeko ryawe,
kandi bame barondera ineza ya bose mu mwumvikano.

Nudutabarire abari mu rwaruka, ngo babone kurangura ivyiza bipfuza;
– bashobore kurimbura ivyo ushaka kuri umwe wese.

Nudutabarire abana, ngo bashike mu bigero;
– ababarera babereke urukundo, ntibatezuke.

Utwigishe, Mukama, gukunda abatwanka;
– tubagirire neza n’umutima wacu wose.

Nudutabarire abapfuye, ubakire mu Bwami bwawe bwamaho,
– iyo twizeye ko tuzoganza hamwe nawe.

Udusabisho tw’umwumwe

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

Igisabisho

Mukama, Mana ya ba sokuru, warateye Yohakimu na Ana beranda iteka ryo kuvyara uwuzoba Nyina w’Umwana wawe yigize umuntu; nibatubere bompi mu ngoro, kugira ngo dushobore gushikira bwa bukiriro wemereye igihugu cawe.
Tubigusabishije Yezu Kristu, Umwana wawe ari We Mukama wacu, We Mana musangiye ubuzima n’ingoma, hamwe na Mutima Mweranda, ubu no mu myaka yose.

Icit.: Amen.

Umuhezagiro.

Amashemezo y’Ekleziya, ku wa 26 Mukakaro, aberanda Yohakimu na Ana, abavyeyi ba Bikira Mariya Muhimbazwa

Abo kwibuka.

AMASHEMEZO YO MU GITONDO

Igit.: Mukama, ntabara, umfatanure umunwa
Icit.: Ururimi rwanje ruheze ruguhaye.

Izaburi ya 94.

Igit.: Umukama ni we Mwami wacu,
Nimuze tumusenge.

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza!
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine!

Na none Umukama ni Imana ihagaze,
Umukama aha ku minwe ibigirwamana vyose:
imibande ikoraniye mu minwe yiwe,
n’imisozi miremire ni rwiwe;
ikiyaga ni iciwe, ni We yakiremye,
isi y’agataka yabumbwe n’iminwe yiwe.

Shike, duce bugufi, dupfukame:
dusenge Umukama yaturemye;
na none ni We Mana yacu, +
natwe tukaba intara arongôye,
turi ubusho bukurikira ukuboko kwiwe.

Uyu musi icompa nkumviriza ijwi ryiwe rivuga riti:
«Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu
bangerageza bakancaca.

Naraberetse ko ntabishimiye:
Bamara imyaka mirongo ine bantera iseseme;
nkama mvuga nti: Abo bantu bari n’umutima ucuramye,
kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.
Niho narahira, kw’ishavu banteye, nti:
Bazorinda bahenuka badahonyoye iwanje.»

Igit.: Umukama ni we Mwami wacu,
Nimuze tumusenge.

Akavyino

Bazogashiraho. Canke bakoreshe ururirimbo rwerekeye Yohakimu na Ana beranda, canke urwerekeye aberanda muri rusangi.

Izaburi ya 23. Imana itaha ingoro yayo

Igit.: Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda?
Ni urya muntu w’iminwe idahumanye,
w’umushaha utatyoye,
w’umutima udacambirwa ibintazi,
kandi atarahirira kubesha.

Ben’uwo muntu nahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije:
ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.

Mwa birimba, uguruke, +
nzugi zamaho, tamanzure:
Umwami w’inganji yinjire!

Uwo Mwami w’inganji ni nde? +
Ni Umukama, Nyenububasha, ni intwari,
ni Umukama, ni intwari mu rugamba.

Mwa birimba, uguruke, +
nzugi zamaho, tamanzure:
Umwami w’inganji yinjire!

Uwo Mwami w’inganji ni nde? +
Ni Umukama, Imana Ruremavyose,
ni yo Mwami w’inganji.

Igit.: Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.

Ururirimbo (Tobi 13, 1-10)

Igit.: Ibikorwa vyanyu nibininahaze Umwami yamaho.

Imana yamaho nihezagirwe,
kandi ubwami bwayo nibuhezagirwe imyaka yose!

Ni We ahana akongera agakiza, +
ni We ahenurira mu nyenga y’umuriro,
akongera akadukingira rwa rupfu rw’akagirire;
nta n’umwe aramusoba.

Bana b’Israyeli, mumushemeze, hagati y’amahanga, +
kuko ari we yabashwiragije hagati yabo:
ni ho rero mutegerezwa kumenyesha ubukuru bwiwe.
Nimumushemeze imbere y’abantu bose, +
kuko ari We Mukama wacu n’Imana yacu,
ni we Muvyeyi mu myaka yose.

Niyaba abahana ku bw’ibicumuro vyanyu,
azosubira kubagirira ikigongwe mwese,
mu kubakoranya abakure mu bihugu vyose
yari yabasanzagijemwo.

Nimwaba mwigaruriye kuri We
n’umutima wanyu wose
ngo murangure ukuri mu maso yiwe,
azokwigarurira na We kuri mwebwe,
ntazobahisha inyonga ziwe.

None rero, nimuzirikane ivyo yabagiriye,
mumuyage mwongere mumukengurukire;
muhezagire Umukama Nyenubutungane,
mushemeze Umwami yamaho!

Jeho mpora ndamushemeza aho ndi imbohe,
nkerekana ububasha n’ubukuru bwiwe
mu gihugu c’abononyi.

Nimugaruke, mwa bononyi, +
nimurangure ibitunganye imbere yiwe.
Ni nde yomenya ko yobashima akabagirira ikigongwe!

Jeho nshaka gushemeza Umwami w’ijuru,
n’uguhimbarwa imisi yose y’ubuzima bwanje.

Igit.: Ibikorwa vyanyu nibininahaze Umwami yamaho.

Izaburi ya 32. Amatazirano y’ububasha bw’Indavyi

Igit.: Imitima itunganye irabereye gutera impundu.

Terere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane,
abantu b’intungane birabereye gutera impundu.

Shemeze Umukama mu nanga,
mumucurarangire inanga y’imirya cumi;
mumuvyinire akavyino gashasha,
muherezeko umurya wanyu muremeshe abakoma amashi.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagirijwe n’urukundo rwiwe.

Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zikarema inteko z’ijuru;
akoraniriza hamwe amazi y’ibiyaga
nk’uwubuganiza mu gakunga,
ayabika mu nyenga.

Isi yose niyubahe Umukama,
ababa kw’isi yose nibahinde agashitsi imbere yiwe;
apfa kuvuga ikintu kikaba gihagaze,
yategeka, akabona ikintu kiraremwe.

Umukama arazi kuzimiza ivyo intara zateganije,
arazi gusīvya ivyiyumviro vy’ibihugu;
ariko ivyo Umukama yateganije vyo vyamaho,
ivyiyumviro vyiwe ntibihera na rimwe.

Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitoreyeko iragi!
Umukama ahangama mw’ijuru,
akaraba abana b’abantu bose.

Iyo ahagaze mw’ijuru,
aritegereza ababa kw’isi yose;
ni we yaremye umushaha w’umuntu wese,
ni we atahura ibikorwa vyabo vyose.

Abami ntibatabaruka ngo ni uko bakomeye,
intwari ntizitsinda ngo ni uko zifise amagara;
uwishimiye ifarasi ngo atsinde, aribesha:
n’aho ifise amagara menshi, nta co ikiza.

Ariko, ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye,
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.

Umutima wacu witeze Umukama,
ni we mahungiro yacu, ni we nkinzo yacu;
umushaha wacu uhimbarwa n’Umukama,
izina ryiwe ni ryo twizeye.

Mukama, tworose urukundo rwawe,
nk’uko ari Wewe twama twizigiye.

Igit.: Imitima itunganye irabereye gutera impundu.

Ijambo ry’Imana                         Izaya 55, 3 

Nimutege amatwi kandi muze iwanje, mwumvirize niho muzobaho. Nzokwungana namwe isezerano ryamaho, ndangure ubuntu naraganiye Dawudi.

Inyishu

Icit.: Umukama ni Mudahemuka,
aracungura igihugu ciwe.

Igit.: Ni we Mukiza wacu

Icit.: Aracungura igihugu ciwe.

Igit.: Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda

Icit.: Umukama ni Mudahemuka,
aracungura igihugu ciwe.

Ururirimbo rwa Zakariya

Igit.: Umukama, Imana y’Israyeli, naninahazwe,
kuko yahagurukije ububasha budukiza, abukura mu muryango wa Dawudi.

Umukama, Imana y’Israyeli, nihezagirwe,
yaramukije yongera abohora igihugu ciwe.

Yaradukijije agirako aradushigikira,
abigirira Dawudi umusuku wiwe.
Ni ko yari yarabiranze kuva kera hose,
atumye abahanuzi biwe beranda:

Ngo adukize abansi bacu,
adukure mu minwe y’abatwanka bose;
kugira ngo yereke ikigongwe ba sokuru bacu,
yongere yibuke ubwuzure bwiwe bweranda;

Ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuru wacu,
ko azoturokora, adukure mu minwe y’abansi,
tubone kumukorera ata bwoba,
mu bweranda no mu butungane,
mu nyonga ziwe, imisi yose tukiriho.

None ga mwana,
uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru,
kuko uzorongōra Umukama
umutegurire amayira,
umenyeshe igihugu ciwe ubukiriro
bw’ugukira ibicumuro vyabo:

N’igikorwa c’ikigongwe c’Imana yacu,
kizotuma turamutswa n’Uwo mw’ijuru;
ngo aboneshereze abaraye
mu mwijima n’igitutu c’urupfu,
atwerekeze mu nzira y’amahoro.

Igit.: Umukama, Imana y’Israyeli, naninahazwe,
kuko yahagurukije ububasha budukiza, abukura mu muryango wa Dawudi.

Igisabisho c’abakristu

Dusabe Imana Data Mushoboravyose
yama yakiriza yompi igisabisho c’abana biwe,
kandi tumuhezagire tuti:

Icit.: Muvyeyi wacu na Mana yacu.

Mukama Mushoboravyose, kubera ibatisimu twahawe,
uradusangiza Ubusaserdoti na Yezu Kristu Mwami:
– uduhe guhereza hamwe na we ayo mashemezo.

Uduhe kugendera imbere yawe uyu musi,
– kugira ngo tube intungane muri vyose.

Ese twoguhezagira mu bihe vyose vy’uyu musi,
– ivyo tuza kuvuga no gukora vyose
bikubere amashemezo y’ukuri.

Udufashe ngo ntihagire n’umwe dushavuza uyu musi,
– udufashe kunezereza abo tuza kubonana bose.

Udusabisho tw’umwumwe

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

Igisabisho

Mukama, Mana ya ba sokuru, warateye Yohakimu na Ana beranda iteka ryo kuvyara uwuzoba Nyina w’Umwana wawe yigize umuntu; nibatubere bompi mu ngoro, kugira ngo dushobore gushikira bwa bukiriro wemereye igihugu cawe.
Tubigusabishije Yezu Kristu, Umwana wawe ari We Mukama wacu, We Mana musangiye ubuzima n’ingoma, hamwe na Mutima Mweranda, ubu no mu myaka yose.

Icit.: Amen.

Umuhezagiro.