IMANA NI NZIZA

Accueil » 2023 » janvier

Archives Mensuelles: janvier 2023

Amashemezo y’Ekleziya, indwi ya 4 y’Ikarema, ku w’Imana I

KU MUGOROBA URONGORA UMUSI W’IMANA1

Igit. Mana yanje, untabare.
Icit. Mukama, bandanya undwaneko.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda
Icit. Kuko ari yo Mana iriyo n’Iyamyeho n’Iyigira ngo ize,
mu myaka n’imyaka. Amen.

AKAVYINO

Bazogashiraho. Canke baririmbe ururirimbo rwo mu gihe c’Ikarema

AMAZABURI

Izaburi y’121. Amahoro dusanga i Yeruzalemu

Igit. Tuzogendana akanyamuneza mu Ngoro y’Umukama.

Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,
bati :«Tuje mu ngoro y’Umukama!»
Ubu noneho, turiko turashika
mu birimba vyawe, Yeruzalemu.

Yeruzalemu yubakitse
bwa gisagara giteranijwe kidatagaguje,
ni ho ibisata vy’Israyeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.

Ni ho Israyeli yashinzwe ibanga
ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.

Sabire amahoro Yeruzalemu,
muti: «Iwawe hatekane.»
Ibirimba vyawe nibigire amahoro,
inzu zawe nizitekane.

Kubera urwo nkunda abo tuvukana n’abagenzi,
nkundira, nkubwire nti: «Gira amahoro!»
Kubera urwo nkunda ingoro y’Umukama We Mana yacu,
ndasaba ngo uroranirwe.

Igit. Tuzogendana akanyamuneza mu Ngoro y’Umukama.

Izaburi y’129. Ukwizera ikigongwe c’Imana

Igit. Ikangure wewe usinziriye, haguruka uve mu bapfuye,
Kristu azokumurikira.

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira:
nuntege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.

Mbega Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
ni co gituma bakwubaha kandi bakakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.
Umuteramyi niyitege umutwenzi,
Israyeli na yo niyitege Umukama!

Kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ari ho bakirira rwose;
ni We azobohora Israyeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

Igit. Ikangure wewe usinziriye, haguruka uve mu bapfuye,
Kristu azokumurikira.

Ururirimbo (Abanyafilipi 2, 6-11). Amabanga ya Pasika

Igit. Twari abapfu bishwe n’ibicumuro, ariko Imana,
kuko yuzuye ubuntu, yatugize bazima hamwe na Kristu.

Yezu, n’aho yamanye kamere k’Imana,
ntiyigeze yishira hejuru
ngo ni uko ari Imana.

Icit. Yezu Kristu ni we Mukama,
ngo Se aninahazwe!

Ariko yigize ubusa,
mu gusangira kamere y’abasuku,
mu kwigira umuntu asa n’abandi.

Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
yicisha bugufi, agamburuka
gushika ku rupfu, no ku rupfu rwo ku musaraba.

Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
imwita Izina nyaryo,
izina rirengeye amazina yose.

Kugira ngo kw’izina rya Yezu
bose bakubite ibipfukamiro
mw’ijuru, kw’isi no mu nyenga,

Kandi ururimi rwose ruvuge ruti:
«Yezu Kristu ni we Mukama,
ngo Se aninahazwe!»

Igit. Twari abapfu bishwe n’ibicumuro, ariko Imana,
kuko yuzuye ubuntu, yatugize bazima hamwe na Kristu.

IJAMBO RY’IMANA            2 Abanyakorenti 6, 1b-4a

Turabihanikirije ngo ntimupfishe ubusa inema mwahawe n’Imana; kuko yavuze iti: «Mu gihe kiroranye narakwumviye, ku musi w’ubukiriro naragufashije.» Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro. Nta muntu n’umwe dutsitaza no mu kantu na gatoyi, ubusuku bwacu bwoye gukengerwa; ariko muri vyose turishimagiza twebwe nyene nk’abasuku b’Imana.

INYISHU

Igit. Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose,
ng’uyu wa musi w’ubukiriro.
Icit. Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose,
ng’uyu wa musi w’ubukiriro.
Igit. Nimutororokane muze! Nimwegere mwese hamwe,
mwebwe abarokotse muri mu makungu!
Icit. Ng’uyu wa musi w’ubukiriro.
Igit. Nimuhindukire muze iwanje mubone gukira,
mwebwe mwese muba ku mpera z’isi!
Icit. Ng’uyu wa musi w’ubukiriro.
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose,
ng’uyu wa musi w’ubukiriro.

URURIRIMBO RWA BIKIRA MARIYA

Igit. Imana yarakunze isi gushika n’aho itanga Umwana wayo w’ikinege.
Abazomwemera bazoronka ubuzima budahera.

46 Umutima wanje uraninahaza Umukama,*
47 umushaha wanje wahimbawe n’Imana
yo Mukiza wanje!

48 Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe;

49 kuko Rugiravyose yangiriye ibitangaro:
izina ryiwe ni ryeranda.

50 Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
abavyeyi n’abana;

51 yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.

52 Yarakuye ku ngoma abiganje,
yimika abatobato.

53 Abashonje yarabahagije ivyiza,
abakǔngu na bo abarungika zirayoye.

54 Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ikigongwe ciwe:

55 nk’uko yari yavyemereye abasokuru bacu,*
ko azotabara Aburahamu n’akabuto kiwe,
imyaka n’imyaka.

Igit. Imana yarakunze isi gushika n’aho itanga Umwana wayo w’ikinege.
Abazomwemera bazoronka ubuzima budahera.

IGISABISHO C’UMURYANGO W’ABAKRISTU

Nimuze twemeze ko Imana ari nyeranda mu kuvuga tuti:

Icit. Mukama, ni wewe musa mweranda.

Mukama Mana, sôko ry’ikigongwe,
duhe twemere ibicumuro vyacu, duheze twirukire Uwatubambiwe.

Twigishe kwiyambura umuntu wa kera n’ivyipfuzo bibi vyiwe,
twiyambike umuntu mushasha yaremwe ku bw’Umwana wawe.

Zigamira mu bumwe igihugu cawe n’abo wagishinze,
bakurikize inyigisho z’Abatumwa.

Abasangira ku mukate umwe,
nubahindure baremeshe ubumwe mu Mubiri wa Kristu wawe.

Niwakire mu buninahazwa bwawe abamaze gusezera iyi si,
natwe utwongerereze icipfuzo c’ukuzokubona umusi umwe amaso mu yandi.

Ibindi bisabisho mvamutima

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

IGISABISHO

Mukama, waraduhebeye Umwana wawe ngo wiyuzurize n’umuryango w’abantu mu buryo bw’agatangaza; turakuzamvye, nufashe umuryango w’abakristu kwihutira imisi mikuru yimirije kuza mu kugira ubuyoboke burangutse n’ukwemera gushitse.
Ku bw’Umukama wacu Yezu Kristu, Umwana wawe, We musangiye ubuzima n’ingoma mu bumwe bwa Mutima Mweranda, Imana imwe, mu myaka n’imyaka.

Icit. Amen.

Umuhezagiro.

Insiguro y’ibintu bimwebimwe

  1. Mu kirundi, Amashemezo y’Ekleziya yo mu gihe c’Ikarema ntiturayabona. Ariko, mu maparuwase iwanyu, abasaserdoti bama bayabashirira mu kirundi bayakuye mu gifaransa. No ngaha twagize gutyo nyene. Birashobora gushika rero, mugasanga hariho amajambo canke amungane tutavuze co kimwe. Muri ico gihe, muce mwisunga impapuro babahaye.

Amashemezo y’Ekleziya, indwi ya 3 y’Ikarema, ku wa gatandatu

MU GITONDO1

Igit. Mukama, ntabara umfatanure umunwa
Icit. Ururimi rwanje ruheze ruguhaye.

IZABURI YA 94 (95). Canke baririmbe iya 99 (100) canke iya 66 (67) canke iya 23 (24).

Igit. Nimuze duhange amaso Yezu Kristu,
twinjire mu rugamba Imana iríko irarwana.

Canke

Igit. Uyu musi ntidukomantaze Imitima yacu,
nitwumvirize riho ijwi ry’Umukama.

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza!
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine!

Na none Umukama ni Imana ihagaze,
Umukama aha ku minwe ibigirwamana vyose:
imibande ikoraniye mu minwe yiwe,
n’imisozi miremire ni rwiwe;
ikiyaga ni iciwe, ni We yakiremye,
isi y’agataka yabumbwe n’iminwe yiwe.

Shike, duce bugufi, dupfukame:
dusenge Umukama yaturemye;
na none ni We Mana yacu, †
natwe tukaba intara arongôye,
turi ubusho bukurikira ukuboko kwiwe.

Uyu musi icompa mukumviriza ijwi ryiwe rivuga riti:
«Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu
bangerageza bakancaca.

Naraberetse ko ntabishimiye:
Bamara imyaka mirongo ine bantera iseseme;
nkama mvuga nti: Abo bantu bari n’umutima ucuramye,
kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.
Niho narahira, kw’ishavu banteye, nti:
Bazorinda bahenuka badahonyoye iwanje.»

Igit. Nimuze duhange amaso Yezu Kristu,
twinjire mu rugamba Imana iríko irarwana.

Canke

Igit. Uyu musi ntidukomantaze Imitima yacu,
nitwumvirize riho ijwi ry’Umukama.

AKAVYINO

Bazogashirako. Canke baririmbe ururirimbo rwo mu gihe c’Ikarema

AMAZABURI

Izaburi 118 (145-152). Amatazirano y’itegeko ry’Imana

Igit. Umviriza ijwi ryanje ukurikije ubuntu bwawe Mukama.

Ndagusaba n’umutima wanje wose unyishure, Mukama;
nshaka kuzigama ishaka ryawe.
ndagutakambiye, Mukama; unkize,
ngo mbashe kuzigama isezerano ryawe.

Ndagukomera amashi mu mutwenzi,
Ijambo ryawe ni ryo nizigiye.
Singitora itiro,
kugira ngo ngume niyumvira indagano zawe.

Ku bw’ikigongwe cawe, umvira igisabisho canje;
ku bw’ivyo washinze, nushime kumbeshaho.
Abampama bariko baranyegera,
ariko barigumira kure y’amabwirizwa yawe.

Weho, Mukama, uri hafi yanje;
amabwirizwa yawe yose ni ay’ukuri.
Kuva kera na rindi, naramenye
yuko isezerano ryawe rizokwamaho mu myaka yose.

Igit. Umviriza ijwi ryanje ukurikije ubuntu bwawe Mukama.

Ururirimbo. Ubwitonzi 9. Igisabisho c’ugusaba ubwitonzi

Igit. Ntunkure mu bana bawe, kuko jewe ndi umusuku wawe
nkaba umwana w’incoreke yawe.

Mana ya basokuru, Mana Nyenimpuhwe, †
waraavuze rimwe isi ica irabaho,
kandi umuntu wamuremanye ubwitonzi
kugira ngo atunganye ibiremwa waremye, †
maze abitegekane ubutungane,
abiringanize n’umutima ugororotse:
ungabire bwa Bwitonzi buvyagiye iwawe.

Icit. Ungabire bwa Bwitonzi buva iwawe!

Ntunkure mu gitigiri c’abana bawe:
ndi umusavyi wawe, umwana w’incoreke yawe,
umuntu w’amagara make, ubuzima bwanje
nta mwanya bumara,
ndi umuntu w’ubwenge buke bwo gutegera
amabwirizwa n’amategeko yawe.
N’aho umuntu yokwiyemera, †
abuze bwa bwitonzi Wewe wintangira,
nta co aba amaze.

Icit. Ungabire bwa Bwitonzi buva iwawe!

Waranyitoreye ngo ngabe igihugu cawe,
ngo ntware abahungu n’abigeme bawe;
warantegetse kwubaka igisengero
ku musozi wawe mweranda,
no kwubaka altari mu gisagara wagerereyemwo:
ngo kibe agashusho k’ingoro nyeranda
wari witeguriye kera na rindi.

Icit. Ungabire bwa Bwitonzi buva iwawe!

Erega, Ubwitonzi muri kumwe,
ni bwo buzi ibikorwa vyawe:
ni ho bwari aho warema ijuru n’isi, †
ni bwo buzi ibibereye inyonga zawe,
ni bwo buzi ibiroranye n’amategeko yawe.
Undungikire ubwo Bwitonzi mwamanye mw’ijuru,
ku ntebe yawe ininahaye.

Icit. Ungabire bwa Bwitonzi buva iwawe!

Kugira ngo bunshigikire mu bikorwa
kandi bunyigishe ico ugomba;
kuko Ubwitonzi bwawe buzi vyose
kandi bugategera vyose;
none buzonjana imbere mu ntambuko zanje
nishimikije ububasha bwabwo.
Niho ibikorwa vyanje bizoshobora kugushimisha.

Icit. Ungabire bwa Bwitonzi buva iwawe!

Niho nzotwara igihugu cawe mu butungane,
niho nzoberwa gusubira ku ngoma ya dawe.

Igit. Ntunkure mu bana bawe, kuko jewe ndi umusuku wawe
nkaba umwana w’incoreke yawe.

Izaburi y’116. Isi yose nininahaze Umukama

Igit. Ubuntu atugirira burahambaye.

Ntara zose, nimuninahaze Umukama,
bihugu vyose, nimumushemeze!

Kuko ubuntu bwiwe bwabaye akayazwe mu bantu,
none na ryo iteka ryiwe ryamaho imyaka yose.

Igit. Ubuntu atugirira burahambaye.

IJAMBO RY’IMANA                           Izaya 1, 16-18

Nimwiyuhagire, mwityorore! Nkure mu maso ibikorwa bibi vyanyu, reke gukora inabi! Nimwige gukora ineza, murondere ingingo, muhanure umunyagahahazo, mutunganirize impfuvyi, muburanire umupfakazi. Ng’uku uko Umukama avuze: Ingo rero tuje inama! N’aho ibicumuro vyanyu vyotukura nk’agahama, bizokwera nk’urubura, n’aho vyosa n’agahama gaca ibibatsi, bizohinduka bise n’ubwoya bwera.

INYISHU

Igit. Amaraso ya Yezu adukiza ibicumuro vyose.
Icit. Amaraso ya Yezu adukiza ibicumuro vyose.
Igit. Nimuze murabe ibitangaza Imana yakoze.
Icit. Amaraso ya Yezu adukiza ibicumuro vyose.
Igit. Ewe wa si iyo uva ukagera, tera impundu Imana.
Icit. Amaraso ya Yezu adukiza ibicumuro vyose.

URURIRIMBO RWA ZAKARIYA. Luka 1, 68-79. Mesiya n’umucacuzi wiwe

Igit. Wa mutozakori we ariririra avuga ati:
«Ngirira ikigongwe Mana, jewe umucumuzi.»

68 Umukama, Imana y’Israyeli, nihezagirwe,
yaramukije yongera abohora igihugu ciwe.

69 Yaradukijije agirako aradushigikira,
abigirira Dawudi umusuku wiwe.

70 Ni ko yari yarabiranze kuva kera hose,
atumye abahanuzi biwe beranda:

71 Ngo adukize abansi bacu,
adukure mu minwe y’abatwanka bose;

72 kugira ngo yereke ikigongwe ba sokuru bacu,
yongere yibuke ubwuzure bwiwe bweranda;

73 Ya ndahiro yarahira Aburahamu sokuru wacu,
ko azoturokora, adukure mu minwe y’abansi,

74 tubone kumukorera ata bwoba, †
75 mu bweranda no mu butungane,*
mu nyonga ziwe, imisi yose tukiriho.

76 None ga mwana,
uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru,*
kuko uzorongōra Umukama
umutegurire amayira,

77 umenyeshe igihugu ciwe ubukiriro
bw’ugukira ibicumuro vyabo:

78 Ni igikorwa c’ikigongwe c’Imana yacu,
kizotuma turamutswa n’Uwo mw’ijuru;

79 ngo aboneshereze abaraye
mu mwijima n’igitutu c’urupfu,*
atwerekeze mu nzira y’amahoro.

Igit. Wa mutozakori we ariririra avuga ati:
«Ngirira ikigongwe Mana, jewe umucumuzi.»

IGISABISHO C’UMURYANGO W’ABAKRISTU

Ewe Yezu Mukiza, ku bwawe, umuntu w’impumyi yarabonye umuco;
amaso yacu nuyahumure tubone ko uri kumwe natwe.

Icit. Wewe mukunzi wacu, twumvire.

Wewe wagoboroye ururimi rw’umuntu w’ikiragi,
twigishe kugushimagiza.

Wewe wazibūye amatwi y’umuntu atumva,
duhe kuguma twiteguriye kwumviriza ijambo ryawe.

Wewe wakijije umuntu amugaye,
duhe tugendere mu rukundo rwawe.

Wewe wakuye Lazaro mu mva yiwe,
garukana mu buzima abo bose ibicumuro bikiboheye mu rupfu.

Ibindi bisabisho mvamutima.

Dawe wa twese uri mw’ijuru:
izina ryawe nirininahazwe;
ubwami bwawe nibuze;
ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.
Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi;
uturekurire ibicumuro vyacu,
nk’uko natwe turekurira abatugirira nabi;
ntudutererane ibitwosha nabi;
yamara udukize akabi.

IGISABISHO

Mu gukurikiza n’akanyamuneza impanuro z’iki gihe c’Ikarema, turiko turitwararika amabanga ya Pasika nyene; turakuzamvye rero Mukama, ngo uduhe kuzohimbarwa n’ivyiza ayo mabanga azotuzanira.
Ku bw’Umukama wacu Yezu Kristu, Umwana wawe, We musangiye ubuzima n’ingoma mu bumwe bwa Mutima Mweranda, Imana imwe, mu myaka n’imyaka.

Icit. Amen.

Umuhezagiro.

Insiguro y’ibintu bimwebimwe

  1. Mu kirundi, Amashemezo y’Ekleziya yo mu gihe c’Ikarema ntiturayabona. Ariko, mu maparuwase iwanyu, abasaserdoti bama bayabashirira mu kirundi bayakuye mu gifaransa. No ngaha twagize gutyo nyene. Birashobora gushika rero, mugasanga hariho amajambo canke amungane tutavuze co kimwe. Muri ico gihe, muce mwisunga impapuro babahaye.