IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » juin

Archives Mensuelles: juin 2017

Ijambo ry’Imana, idominika ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (22, 19-23)

Nzogushinga imfunguruzo z’inzu ya Dawudi

Ng’iri ijambo Umukama yashikirije Shebuna, umukuru w’igisengero: «Ndagukuye mu gikorwa cawe, ndagukuye mu kibanza cawe. Uyu musi nyene, ndahamagara umusuku wanje Eliyakimu mwene Hilikiya. Ndamwambika umutamana wawe, ndamukenyeze umukanda wawe, ndamuhe ubukuru bwawe, aheze abe umuvyeyi w’abantu bose b’i Yeruzalemu n’abo mu muryango wa Yuda. Urufunguruzo rw’inzu ya Dawudi ndarushize ku bitugu vyiwe; niyugurura, nta wuzokwugara, niyugara, nta wuzoshobora kwugurura. Ndamushinze ahantu hakomeye cane nk’umusumari, azobera umuryango wa se ingoma y’ubuninahazwa.»

IZABURI 137 (138) 1-2a, 2b-3, 6. 8bc

Icit.: Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose;
         ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose,
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe;
ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.

Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe n’ukuri kwawe,
ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri Wewe;
aho nagutabaza, waranyumviye,
ngo ngire ubwoba, urabunkiza, ungira umutinyutsi.

Ego ni ko, kuva mw’ijuru Umukama abona abicisha bugufi,
ariko abanyabwishime bo abamenyera kure.
Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose;
ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (11, 33-36)

Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We

Ese ingene itunga, ubwitonzi n’ubumenyi bw’Imana ari agatangaza! Ese ingene ingingo zayo ata wushobora kuzitohoza n’ingene inzira zayo ata wushobora kuzitegera! Ni nde yoba yaramenye iciyumviro c’Umukama? Canke ni nde yamubereye umuhanuzi? Canke ni nde yoba yaramwitanze akamugabira ngo na We aze amusubize? Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We: naninahazwe mu myaka yose! Amen.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje;
n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (16, 13-20)

Uri Petero, ndaguhaye imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru

Umushaha wa Yezu

Muri irya misi,
Yezu yari ashitse mu ntara ya Sezareya ya Filipo, araheza abaza abigishwa biwe ati: «Mwumva Umwana w’umuntu bamuvugako iki?»
Bamwishura bati: «Bamwe bagira ngo ni Yohani Batista, abandi Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi.» Yezu asubizayo ati: «Mweho mwiyumvira ko ndi nde?»
Simoni Petero yishura ati: «Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.»
Yezu na we ati: «Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe na Data ari mw’ijuru. Nanje, ndabikubariye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura. Nzoguha imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru. Ico uzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico uzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.»
Agirako yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire uwo babwira ko ari We Kristu.

TUZIRIKANE IRI JAMBO RY’IMANA

  • Si vous voulez voir le fruit de notre méditation en français, cliquez ici.

Ijambo ry’Imana, indwi ya 20 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatandatu, années impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Ruti (2, 1-3.8-11 ; 4,13-17)

Nahomi yari afise incuti y’umugabo wiwe, iyo ncuti yari umuntu atunze cane wo mu muryango wa Elimeleki, akitwa Bowazi. Ruti wa Munyamowabukazi abwira Nahomi ati: «Ndekura ngende guhumbahumba amahundo, nkurikire uwǒbīnkūndira.» Aramwishura ati: «Genda, mwananje.» Ruti aragenda guhumbahumba amahundo, akurikira abageshi; hagasangwa hari mw’itongo rya Bowazi.
Bowazi abwira Ruti ati: «Urumva mwananje! Ntugende guhūmba mu murima wundi kandi ntuve hano, ariko n’ugume aho abakozi banje bari. Shira amaso ku murima bagesa, ubakurikire. Narabatesheje kukugora, kandi niwumva unyotewe, uze kunywa mw’ikarabo ryabo.» Ruti na we yicisha bugufi, arunama, amubaza ati: «Igituma untera iteka ukandaba ryiza n’aho ndi umunyamahangakazi ni iki?» Bowazi amwishura ati: «Ni uko banyiganiye neza ivyo wakoreye nyokobukwe vyose umugabo wawe amaze gupfa, ingene wahevye so na nyoko n’igihugu cawe c’amavukiro ukaza mu gihugu utari uzi kuva na kera.»
Ivyo biheze, Bowazi yabira Ruti, Ruti aba umugore wiwe. Arabana na we, Umukama aramuha gusama inda, araheza aravyara umwana w’umuhungu. Abagore babwira Nahomi bati: «Umukama n’ahezagirwe, atakuretse uyu musi ngo ube uwutagira uwuzofasha umuryango wawe; izina ryiwe niribe rurangiranwa muri Israyeli. Uyo mwana azokubera intege mu buzima bwawe, kandi azogutunga ushitse mu zabukuru, kuko umukazana wawe agukunda akakurutira abana indwi wovyaye, ari we yamuvyaye.» Nahomi ajana uwo mwana, amushira ku gikiriza, aba ari we amurera. Abagore b’ababanyi bamwita izina bavuga bati: «Nahomi yavyaye agahungu», bamwita Hobedi. Ni we se wa Yese, se wa Dawudi.

IZABURI 127 (128) 1, 2, 3, 4

Icit.: Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa
         umuntu yubaha Umukama.

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe!

Uzotungwa n’ibikorwa ry’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa.

Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe;
abana bawe bazoba nk’amashashi akikije ingundu,
bakikize ameza yawe.

Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa
umuntu yubaha Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Mukama Mana, tworohereze umutima,
kugira ngo turonderane urukundo
amajambo y’Umwana wawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 1-12)

Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero n’abigishwa biwe ati: «Abanditsi n’Abafarizayo bari mu cicaro ca Musa: ivyo bashobora kubabwira vyose rero murabikore, mugireko mubizigame; yamara ntimubigane mu vyo bakora, kuko ico bavuga atari ico bakora. Bazigira abantu ku mizigo badashobora, na bo badashaka kuyikozako n’urutoke.
Ivyo bakora vyose babikora ngo babonwe; ni co gituma bambara mu ruhanga ifilateriya bakongereza ubuyonga bw’imitamana yabo. Aho batumiwe, bakunda ibibanza vy’imbere, bakarondera kandi ko babahera bwakeye aho ishengero rihora rikoranira, n’uko babita abigisha. Mweho, Umwigisha wanyu ni umwe, namwe muvukana mwese. Mweho, hano kw’isi nta wundi mwokwita Dawe, kuko mufise So umwe, ari mw’ijuru. Ntibabite Muhanyi, kuko Umuhanyi mufise ari umwe, ari we Kristu.
«Umukuru muri mwebwe n’abe umusuku w’abandi; uwuzokwishira hejuru, na we bazomuhinyuza; na we uwuzokwicisha bugufi, bamuninahaze.»