IMANA NI NZIZA

Accueil » 2017 » juin (Page 2)

Archives Mensuelles: juin 2017

Ijambo ry’Imana, indwi ya 20 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années impaires

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu ca Ruti (1, 1.3-6.14b-16.22)

Mu misi y’abacamanza, ikigoyi kiratera mu gihugu. Niho umugabo w’i Betelehemu yo mu Buyuda yasuhukira mu gihugu c’i Mowabu, asuhukana umugore wiwe n’abahungu biwe bompi, bagerera mu ndimo z’i Mowabu. Uwo muntu Elimeleki, ari we mugabo wa Nahomi arapfa, Nahomi asigarana n’abahungu biwe bompi. Abo bahungu babira Abanyamowabukazi, umwe yitwa Horupa, uwundi akitwa Ruti. Bamarayo nk’imyaka icumi, baraheza bapfa bompi, Nahomi asigara wenyene, kuko yari abuze abahungu biwe bompi n’umugabo wiwe.
Hanyuma rero, Nahomi ava hasi n’abakazana biwe, agira ngo ave mu gibugu c’i Mowabu asubire iwabo kuko yari yumvise yuko Umukama yagendeye abantu biwe akabaha utwo batamira.
Ariko rero, Ruti ntiyashaka kuvana na Nahomi. Nahomi rero amubwira ati: «Raba, mugenzawe asubiye mu b’iwabo no ku mana yabo: n’usubireyo nawe, umukurikire.» Ruti amwishura ati: «Reka kunyinginga kuguheba n’ukuja kure yawe; aho uzoja hose, tuzojana; aho uzoba ni ho nzoba. Umuryango wawe ni wo uzoba umuryango wanje; Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.»
Uko ni ko Nahomi yagarukanye n’umukazana wiwe Ruti, umunyamowabukazi, aho bari bavuye mu ndimo z’i Mowabu. Bashika i Betelehemu, basanga bari mw’igesa.

IZABURI 145 (146) 5-6, 7, 8-9a, 9bc-10a

Icit.: Nzogucurarangira, Mukama,
         igihe nkidundega.

Hahiriwe uwishimikije Imana ya Yakobo,
uwizeye Umukama Imana yiwe:
ni we yaremye ijuru n’isi.

Umukama acira urubanza impahazwa,
agaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Umukama ahumura impumyi,
agorora abahetamye,
nayo ba kavantara akabahagarikira.

Umukama arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
nayo abantu b’intungane akabakunda.
Umukama azohora ku ngoma.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uwuzigama ijambo rya Kristu,
muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 34-40)

Muri irya misi, Abafarizayo ngo bumve ko Abasadukayo bajongorotse, barakorana. Araheza umwe muri bo aramubaza ngo amugeze, ati: «Mwigisha, mu mabwirizwa irisumba ayandi ni irihe?» Yezu na we amwishura ati: «Urakunda Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose: ng’iryo ibwirizwa risumba ayandi yose rikongera rikaba irya mbere muri yo. N’irya kabiri rimeze nk’iryo, ngo: Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ayo mabwirizwa uko ari abiri, ni yo shimikiro ry’ayandi yose, n’inyigisho z’abahanuzi ni yo zishimikiyeko.»

Ijambo ry’Imana, indwi ya 20 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, années impaires

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mu gitabu c’Abacamanza (11, 29-39a)

Muri irya misi, umutima w’Umukama uraza kuri Yefte. Yefte yaragendura igihugu ca Galahadi n’ica Manase, no mu kuva i Mitsipa n’i Galahadi, yagendera inyuma ya bene Hamoni. Maze, Yefte agirira Umukama iyi ndagano ati: «Niwampebera bene Hamoni, uwuzobanza gusohoka mu nzu yanje kugira ngo ansanganire mvuye gutsinda bene Hamoni, urya azoba uwawe, nanje nzomuherezako inkuka.»
Yefte araheza agenda gutera bene Hamoni kandi Umukama aramubahebera arabatsinda. Arabatikiza mu gutwara ibisagara vyabo mirongo ibiri. Uko ni ko batsinzwe rwose, igabo ryabo rirahera imbere y’Abanyisrayeli.
Ivyo biheze, Yefte aratabaruka aja i Mitsipa, mu nzu yiwe; umwana wiwe w’umwigeme asohoka kumusanganira ariko aratamba, atârīka. Kandi uwo mwana wiwe yari ikinege; nta muhungu, nta n’umwigeme yari afise, atari uyo gusa. Ngo amubone, aca atabura ivyambarwa vyiwe asemerera ati: «Mwananje, uranzaniye amarushwa! Ni wewe ukwiye kuntera ayo ngowe! Ko navyikuriye mu kanwa nkabibarira Umukama, none sinshobora kwivuguruza.»
Aramwishura ati: «Dawe, ko vyakwiviriye mu kanwa ukabibarira Umukama, n’ungenze nk’uko wavuze; kanatsinda, Umukama yaguhaye kwihora abansi bawe bene Hamoni.» Arongera kubwira se ati: «Mugabo hari ico ngusaba: ube urandeka amezi abiri, ngende ku misozi, twe n’abagenzi banje, ndirire ubukumi bwanje.» Se aramwishura ati: «Genda!» Aramusezera ngo aje kumara ya mezi abiri.
Aragenda rero, ajana na bagenziwe, araririra ubukumi bwiwe ku misozi. Ya mezi abiri ashize, aragaruka kwa se, na we se aramugirira ico yari yaraganiye Umukama.

IZABURI 39 (40) 5, 7-8a, 8b-9, 10

Icit.: Ndi hano, ndaje, Mukama,
         ndaje gukora ivyo ushaka.

Hahiririwe umuntu
yizigiye Umukama,
atagendana n’ababisha,
bazingamiye mu binyoma.

Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe:
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose nta vyo wari ushimitsemwo,
niho nitora nti: «Ndi hano ndaje.»

Ivyanditswe kuri jewe mu Gitabu
bintegereza gukora ivyo ushaka;
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
kandi ndayashize ku mutima.

Narataziriye inkuru nziza
ishengero rikoranye.
Raba sinobihora,
ni ico wiyiziye, Mukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Amabwirizwa yawe yose, Mukama, ntiyigera ahinduka;
washinze ko yama ari ya yandi.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 1-14)

Muri irya misi, Yezu yaciriye ishengero uyu mugani ati: «Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yariko araringaniza inzimano z’ubugeni bw’umuhungu wiwe. Araheza arungika abasuku biwe guhamagara abatumire ngo baze mu bugeni, na bo baranka kuza. Asubira gutuma abandi basuku ngo babwire nya batumire bati: “Naringanije inzimano, ibimasa n’ibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye: nimuze mu bugeni.” Ariko bo babaraba utw’ininga barigira, uri uwugiye kwirabira itongo, uri uwugiye kwidandariza; abandi na bo barengera kuri ba basuku barabakubita, barabica. Nya mwami ngo avyumve, arashavura, arungika ingabo ziwe guhonya bano bicanyi n’uguturira igisagara cabo.
Abwira rero abasuku biwe ati: “Ivy’ubugeni biri mu buryo, ariko abari batumiwe ntibari babikwiye. Gende rero mu mahwane y’inzira, mubwire abo mubona bose baze mu bugeni.” Nya basuku baca bihereza amayira bakoranya abo bahasanze bose, ababi n’abeza; ingoro y’ubugeni iruzura.
Umwami rero yinjiye kuraba abazimanwa, arabukwa uwutambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni, amubwira ati: “Mbega mugenzi, winjiye ngaha ute utambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni?” Uno na we aranuma. Nya mwami abwira abasuku biwe ati: “Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumute hanze mu mwijima iyo aja kuririra akomanya amenyo.”
Kukaba nka ko rero, hahamagarwa benshi, hagashimwa bake.»