IMANA NI NZIZA

Accueil » Amashemezo y'Ekleziya » Amashemezo y’imbere y’ukuja kuruhuka mw’ijoro, ku wa mbere

Amashemezo y’imbere y’ukuja kuruhuka mw’ijoro, ku wa mbere

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


Ni vyiza ko bobanza kwihweza uburyo babayeho kuri uyo musi, bakisuzuma, iyo ari benshi, bakavuga igisabisho co gusaba ikigongwe nka kumwe bama babigira bari mu nkuka y’imisa.

Igit. Mana, ingo untabare
Icit. Mukama, tebuka undwaneko.

Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda,
Icit. Nk’uko vyamye hambere hose, nibimere ko n’ubu n’ibihe vyose,
mu myaka n’imyaka. Amen. (Aleluya)!

AKAVYINO

Bazogashiraho. Canke baririmbe urundi ruririmbo rubereye rwemejwe n’ababifitiye ububasha.

IZABURI YA 85. Umurushwa aratakambira Imana

Iragashimagizwa Imana iduhoza mu maganya yacu yose (2 Abanyakorenti 1, 3.4)

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Uri mwiza, ufise ikigongwe. Tega ugutwi igisabisho canje.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ni wewe, Mukama, nerekezako umutima wanje: uranzigama.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Amakungu yose azoza akubite ibipfukamiro hasi imbere yawe, kuko ukora ibitangaza.

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Tekanya umutima wanje, mpeze nkwubahe.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

Zirikana Mukama, unyishure,
ndi umworo n’umurushwa;
nzigamira umutima, urazi ko ndi umukunzi wawe,
rokora umusavyi wawe akwizeye, Wewe Mana mfise.

Ngirira imbabazi, Mukama,
ni Wewe ntabaza rikarinda rirenga.
Hoza umutima w’umusavyi wawe,
ndawerekeje kuri Wewe, Mukama.

Nkako, Mukama, uri mwiza, uri umunyakigongwe,
ukunda rwinshi abagutabaza.
Shima igisabisho ngushikirije, Mukama,
ntiwiyobagize akajwi kanje gacura intimba.
Nama nkuganyira nzigirijwe,
kuko uhava ukanyumvira.

Mu vyo bita imana vyose, nta mana musa,
nta bikorwa bisa n’ivyawe.
Abapagani bose bazoza bagusenge, Mukama,
baze baninahaze izina ryawe;
kuko uri agahebuza kandi ukagira ibitangaro,
Wewe Mana imwe rudende.

Nyereka inzira zawe, Mukama,
nanje nze ngendere mu kuri kwawe;
egeranya umushaha wanje,
kugira ngo wubahe izina ryawe.

Nzogushimira n’umutima wanje wose,
Mukama Mana yanje,
nzoninahaza izina ryawe urudahengeshanya;
kuko imbabazi umfitiye ari nyinshi,
wankuye mu nyenga nyabarega.

Ewe Mukama, abanyabwishime baje kuntera,
igitero c’ibipfamutima kirondera kunyica;
na Wewe nyene ntukigira isaganirizo
imbere yabo.

Ariko Weho Mukama,
uri Imana y’imbabazi n’ikigongwe,
ntugira uko ishavu rigize,
urakundana kandi ntuhemuka;
ngarukira, ugireko ungirire ikigongwe.

Komeza umusavyi wawe,
ukize umwana w’incoreke yawe.
Maze, undangire yuko uri mwiza,
niho n’abansi banje bazobibona bagateterwa,
n’uko Wewe Mana mfise wamfashije,
ukankura mu menyo y’abatwenzi.

Mu gihe gisanzwe co mu mwaka

Igit. Uri mwiza, ufise ikigongwe. Tega ugutwi igisabisho canje.

Mu gihe c’Ubushikiro

Igit. Ni wewe, Mukama, nerekezako umutima wanje: uranzigama.

Mu gihe ca Noheli

Igit. Amakungu yose azoza akubite ibipfukamiro hasi imbere yawe, kuko ukora ibitangaza.

Mu gihe c’Ikarema

Igit. Tekanya umutima wanje, mpeze nkwubahe.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Aleluya, aleluya, aleluya!

IJAMBO RY’IMANA                  1 Abanyatesalonika 5, 9-10

Imana yatugeneye gushikira ubukiriro ku bw’Umukama wacu Yezu Kristu, we yadupfiriye kugira ngo tube bazima hamwe na we, turi maso canke dusinziriye.

INYISHU

Iyo atari mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.

Mu gihe c’Ipasika

Igit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya!
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya !
Igit. Waraducunguye, Mukama, Mana y’ukuri.
Icit. Aleluya, aleluya!
Igit. Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda.
Icit. Mu minwe yawe, Mukama, ni ho nshize umutima wanje.
Aleluya, aleluya !

URURIRIMBO RWA SIMEHO. Luka 2, 29-32. Kristu ni we muco w’amakungu n’ubuninahazwa bw’Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

29 Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengutsa umusavyi wawe mu mahoro.

30 Nkako amaso yanje yiboneye urukiza rwawe
31 wateguriye ibihugu vyose.

32 Wa muco uzokumenyesha mu makungu,
bwa buninahazwa bw’igihugu cawe Israyeli.

Igit. Dutabare, Mukama, iyo turi maso, uturinde iyo dusinziriye;
duheze duteramane na Kristu, turuhukire mu mahoro. (Aleluya)!

IGISABISHO

Mukama, nuhe imibiri yacu kuruhukira mu mahoro, imbuto twateragiye uyu musi ku bw’ibikorwa vyacu na zo, ugire ko zokwama zigashikira igesa rizokwamaho.
Ku bwa Kristu, Umukama wacu.

Icit. Amen.

UMUHEZAGIRO

N’aho umuntu yoba yariko arasenga ari umwe, baheraheza batya:

Umukama Mushoboravyose naduhe tugire ijoro ritekanye kandi azoduhe n’iherezo ryiza.

Icit. Amen.

Hakurikira igisabisho co gushemeza canke gusaba Bikira Mariya Muhimbazwa. Nibahitemwo kimwe muri ibi:

Mu kirundi

Mu bindi bihe

1. Turakuramutsa Mugabekazi, Nyina w’ikigongwe, wewe tugendako, wewe utunezereza, wewe twishimira. Turakuramutsa, turakuborogera, twebwe bicibwa bene Heva. Turakuganyira, twebwe twinihira, turira muri iyi si y’amarira. None rero Muvunyi wacu, n’uturabishe ya maso yawe y’ikigongwe, na Yezu, wa Mwana w’inda yawe ahezagiye, umutwereke wa musi tuzova muri ubu bucibwa, wewe munyakigongwe, wewe mwiza, wewe Bikira utekereza, Mariya.

2. Turakwirukira uduhagarikire, Nyina mweranda w’Imana, mu bukene bwacu, ntugaye ibisabisho vyacu, yamara udukize imisi yose, mu magorwa yose. Wewe Mubikira muhimbazwa, nyaguhezagirwa. Amen!

Mu gihe c’Ipasika

Mugabekazi wo mw’ijuru, nezerwa, aleluya!
Kuko uwo waberewe n’ukwibungenga, aleluya!
Yazutse nk’uko yabivuze, aleluya!
Dusabire ku Mana, aleluya!

Mu kilatini

Mu bindi bihe

1. Alma Redemptóris Mater,
quae pérvia caeli porta manes, et stella maris,
succúrre cadénti, súrgere qui curat, pópulo:
tu quae genuísti, natúra miránte,
tuum sanctum Genitórem,
Virgo prius ac postérius,
Gabriélis ab ore sumens illud Ave,
peccatórum miserére.

2. Ave, Regína caelórum,
ave, Dómina angelórum,
salve, radix, salve, porta,
ex qua mundo lux est orta.
Gaude, Virgo gloriósa,
super omnes speciósa;
vale, o valde decóra,
et pro nobis Christum exóra.

3. Salve, Regína, mater misericórdiae;
vita, dulcédo et spes nostra, salve.
Ad te clamámus, éxsules fílii Evae.
Ad te suspirámus, geméntes et flentes
in hac lacrimárum valle.
Eia ergo, advocáta nostra,
illos tuos misericórdes óculos
ad nos convérte.
Et Iesum, benedíctum fructum ventris tui,
nobis post hoc exsílium osténde.
Ô Clemens, o pia, o dulcis Virgo María.

4. Sub tuum praesídium confúgimus,
sancta Dei Génitrix;
nostras deprecatiónes ne despícias
in necessitátibus
sed a perículis cunctis líbera nos semper,
Virgo gloriósa et benedícta.

Mu gihe c’Ipasika

5. Regína caeli, laetáre, allelúia,
quia quem meruísti portáre, allelúia,
resurréxit sicut dixit, allelúia;
ora pro nobis Deum, allelúia.


Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.