IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Ijambo ry’Imana, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires

Ijambo ry’Imana, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 1-3a.14.17)

Ncuti zanje,
Dushaka kubahanura ivyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na we: ntimushoke muhagarikwa umutima kandi ntimuterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima be n’ijambo canke n’ikete batwitirira bemeza ko umusi w’Umukama uri mu gushika. Ntihagire uwubahenda no mu kantu na gatoyi.
Imana yabahamagaye kubera Inkuru nziza twabigishije, kugira ngo mubashe gushikira ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni uko rero, benewacu, nimugumye umutima kandi muzigame neza za nyigisho twabashikirije imbonankubone canke mw’ikete ryacu. Na we Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze akaduha uruhoza rudahera n’ukwizigira gushemeye ku buntu bwayo, nibabahoreze imishaha kandi babakomeze mu mvugo no mu ngiro nziza zose.

IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b

Icit.: Umukama ariko araza
         gucira urubanza isi.

Cire agace abanyamahanga muti:  Umukama ari ku ngoma!»
ni we yagize isi itayegayega;
ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.

Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke,
ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,
imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!

Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,
n’uko bibonye Umukama ariko araza,
ngo acire urubanza isi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Tegurira umutima wacu imihango yawe, Mukama,
ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 23-26)

Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mushikana ituro ry’imenta, iry’ineta n’iry’ikumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe n’ukwemera, ivyo ari vyo mutegerezwa kugira, mutaretse n’ibindi. Mwa ndongozi z’impumyi, mumimina ubutuku mukamira ingamiya.
Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mwoza urwato n’inkoko inyuma gusa, na ho imbere mwuzuye ubusuma, mbere butagira urugero. Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, nimubanze kwoza imbere mu nkoko, n’inyuma zizoheza zibe nziza.»


Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.