IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 1-3a.14.17)
Ncuti zanje,
Dushaka kubahanura ivyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na we: ntimushoke muhagarikwa umutima kandi ntimuterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima be n’ijambo canke n’ikete batwitirira bemeza ko umusi w’Umukama uri mu gushika. Ntihagire uwubahenda no mu kantu na gatoyi.
Imana yabahamagaye kubera Inkuru nziza twabigishije, kugira ngo mubashe gushikira ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni uko rero, benewacu, nimugumye umutima kandi muzigame neza za nyigisho twabashikirije imbonankubone canke mw’ikete ryacu. Na we Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze akaduha uruhoza rudahera n’ukwizigira gushemeye ku buntu bwayo, nibabahoreze imishaha kandi babakomeze mu mvugo no mu ngiro nziza zose.
IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b
Icit.: Umukama ariko araza
gucira urubanza isi.
Cire agace abanyamahanga muti: Umukama ari ku ngoma!»
ni we yagize isi itayegayega;
ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.
Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke,
ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,
imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!
Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,
n’uko bibonye Umukama ariko araza,
ngo acire urubanza isi.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Tegurira umutima wacu imihango yawe, Mukama,
ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 23-26)
Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mushikana ituro ry’imenta, iry’ineta n’iry’ikumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe n’ukwemera, ivyo ari vyo mutegerezwa kugira, mutaretse n’ibindi. Mwa ndongozi z’impumyi, mumimina ubutuku mukamira ingamiya.
Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mwoza urwato n’inkoko inyuma gusa, na ho imbere mwuzuye ubusuma, mbere butagira urugero. Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, nimubanze kwoza imbere mu nkoko, n’inyuma zizoheza zibe nziza.»