IMANA NI NZIZA

Accueil » Ijambo ry'Imana (La Parole de Dieu) » Ijambo ry’Imana, indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires

Ijambo ry’Imana, indwi y’9 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatanu, années paires

Catégories

NOTES AUX VISITEURS

Les visiteurs de ce blog seront satisfaits d’avoir trouvé  plusieurs articles qui les  aident à améliorer leurs connaissances en matière de vie spirituelle. Aussi, nous ne doutons pas qu’ils aient, eux aussi, des connaissances à partager avec nous . Qui trouvera une ou quelques erreurs est prié de nous le signaler pour nous édifier mutuellement.  Nous vous prions de faire beaucoup de commentaires à nos articles, nous en avons tellement besoin.

Bienvenue!


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (3, 10-17)

Mukunzi wanje,
Weho warankurikiye mu nyigisho, mu ngendo no mu migabo yanje, mu kwemera no mu bwitonzi bwanje, mu rukundo no mu butwari bwanje, mu makuba no mu mabi naboneye muri Antiyokiya, muri Ikoniya n’i Listra: amakuba ntabonye ni ayahe! Ariko Umukama yayankijije yose. Mbere, abashaka kuyobokera Imana muri Kristu Yezu bose bazohamwa. Ariko, abantu babi bo n’abangushi, akabi bazogacisha ku kandi, mu kuzimiza abandi bakazimizwa na bo nyene.
Weho, urazigama ivyo bakwigishije, kuko kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’abakwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu vyeranda. Birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gutyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciwe cose.

IZABURI 118 (119) 157.160, 161.165, 166.168

Icit.: Abakunda amabwirizwa yawe, Mukama,
         bagira amahoro menshi.

Abampama n’abanyanka babaye indiri,
ariko sinshaka kwigira kure y’ivyo wanyigishije.
Amajambo yawe yose ni ukuri kwigendera,
ingingo zawe zitunganye zizokwamaho.

Abakuru b’intara barampama bampora ico ntazi,
ariko ico ntinya ni amajambo yawe.
Abakunda amabwirizwa yawe bagira amahoro menshi,
bo nta kibatirimutsa.

Ndizigira, Mukama, k’uzonkiza,
amabwirizwa yawe ndayakora.
Ndazigama amabwirizwa n’amategeko yawe,
kuko inzira zanje zose zirora kuri Wewe.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima.
akaba umuco utuboneshereza.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 35-37)

Yezu ariko arigisha mu gisengero agira ati: «Abigisha bavuga bate ko Kristu ari mwene Dawudi? Ni Dawudi ubwiwe, yohejwe na Mutima Mweranda, avuga ati: Umukama yabwiye Umukama wanje ati: Vyagira  iburyo bwanje gushika nshire abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe. Dawudi we nyene amwita Umukama, none yoba umwana wiwe ate?» Na ryo rero ishengero ryamwumvirana akanyamuneza.


Laisser un commentaire

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Le Symbole de Nicée-Constantinople

Πιστεύμεν εἰς ἕνα θεὸν πατέρα παντοκράτορα, ποιητὴν οὐρανοῦ καὶ γῆς, ὁρατῶν τε πάντων καὶ ἀοράτων. καὶ εἰς ἕνα κύριον Ἰησοῦν Χριστόν, τον υἱὸν τοῦ θεοῦ τὸν μονογενῆ, τὸν ἐκ τοῦ πατρὸς γεννηθέντα πρὸ πάντων τῶν αἰώνων, φῶς ἐκ φωτός, θεὸν ἀληθινὸν ἐκ θεοῦ ἀληθινοῦ, γεννηθέντα, οὐ ποιηθέντα, ὁμοούσιον τῷ πατρί, δι’ οὗ τὰ πάντα ἐγένετο· τὸν δι’ ἡμᾶς τοὺς ἀνθρώπους καὶ διὰ τὴν ἡμετέραν σωτηρίαν κατελθόντα ἐκ τῶν οὐρανῶν καὶ σαρκωθέντα ἐκ πνεύματος ἁγίου καὶ Μαρίας τῆς παρθένου καὶ ἐνανθρωπήσαντα, σταυρωθέντα τε ὑπὲρ ἡμῶν ἐπὶ Ποντίου Πιλάτου καὶ παθόντα καὶ ταφέντα καὶ ἀναστάντα τῇ τρίτῃ ἡμέρᾳ κατὰ τὰς γραφάς, καὶ ἀνελθόντα εἰς τοὺς οὐρανούς, καὶ καθεζόμενον ἐκ δεξιῶν τοῦ πατρός, καὶ πάλιν ἐρχόμενον μετὰ δόξης κρῖναι ζῶντας καὶ νεκρούς· οὗ τῆς βασιλείας οὐκ ἔσται τέλος. Καὶ εἰς τὸ πνεῦμα τὸ ἁγιον, τὸ κύριον, τὸ ζωοποιόν, τὸ ἐκ τοῦ πατρὸς ἐκπορευόμενον, τὸ σὺν πατρὶ καὶ υἱῷ συμπροσκυνούμενον καὶ συνδοξαζόμενον, τὸ λαλῆσαν διὰ τῶν προφητῶν. Εἰς μίαν, ἁγίαν, καθολικὴν καὶ ἀποστολικὴν ἐκκλησίαν. ὁμολογοῦμεν ἕν βάπτισμα εἰς ἄφεσιν ἁμαρτιῶν, προσδοκῶμεν ἀνάστασιν νεκρῶν καὶ ζωὴν τοῦ μέλλοντος αἰῶνος. ἀμήν.