IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (3, 10-17)
Mukunzi wanje,
Weho warankurikiye mu nyigisho, mu ngendo no mu migabo yanje, mu kwemera no mu bwitonzi bwanje, mu rukundo no mu butwari bwanje, mu makuba no mu mabi naboneye muri Antiyokiya, muri Ikoniya n’i Listra: amakuba ntabonye ni ayahe! Ariko Umukama yayankijije yose. Mbere, abashaka kuyobokera Imana muri Kristu Yezu bose bazohamwa. Ariko, abantu babi bo n’abangushi, akabi bazogacisha ku kandi, mu kuzimiza abandi bakazimizwa na bo nyene.
Weho, urazigama ivyo bakwigishije, kuko kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’abakwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu vyeranda. Birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gutyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciwe cose.
IZABURI 118 (119) 157.160, 161.165, 166.168
Icit.: Abakunda amabwirizwa yawe, Mukama,
bagira amahoro menshi.
Abampama n’abanyanka babaye indiri,
ariko sinshaka kwigira kure y’ivyo wanyigishije.
Amajambo yawe yose ni ukuri kwigendera,
ingingo zawe zitunganye zizokwamaho.
Abakuru b’intara barampama bampora ico ntazi,
ariko ico ntinya ni amajambo yawe.
Abakunda amabwirizwa yawe bagira amahoro menshi,
bo nta kibatirimutsa.
Ndizigira, Mukama, k’uzonkiza,
amabwirizwa yawe ndayakora.
Ndazigama amabwirizwa n’amategeko yawe,
kuko inzira zanje zose zirora kuri Wewe.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima.
akaba umuco utuboneshereza.
Aleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 35-37)
Yezu ariko arigisha mu gisengero agira ati: «Abigisha bavuga bate ko Kristu ari mwene Dawudi? Ni Dawudi ubwiwe, yohejwe na Mutima Mweranda, avuga ati: Umukama yabwiye Umukama wanje ati: Vyagira iburyo bwanje gushika nshire abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe. Dawudi we nyene amwita Umukama, none yoba umwana wiwe ate?» Na ryo rero ishengero ryamwumvirana akanyamuneza.